Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




1 Petero 5:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Muyikorere amaganya yanyu yose, kukw ibababara.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

7 Muyikorere ingorane zanyu zose kuko irabitayeho.

Gade chapit la Kopi




1 Petero 5:7
23 Referans Kwoze  

Ukorere Uhoraho umutwaro wawe, na we azokuramira: Ntazokwigera akundira umugororotsi kunyiganyizwa.


Ntimugire ico mwiganyira, ariko muri vyose ivyo mugomba bimenyeshwe Imana, mu gusenga no mu kwinginga bifatanije no gukenguruka.


Ukorere Uhoraho urugendo rwawe rwose, Abe ari we wishimira, na we azobishitsa.


Inyonga z’Uhoraho ziri ku bagororotsi, N’amatwi yiwe ayabangira ugutakamba kwabo.


Abgira abigishwa biwe, ati Ni co gitumye ndababarira, nti Ntimukaganyire amagara yanyu ku vyo muzorya, cank’ umubiri wanyu ku vyo muzokwambara.


Maze Dawidi agira intuntu nyinshi, kukw abantu bāvuga nk’abagomba kumutera amabuye; bose bāri n’akabonge kubg’ abana babo b’abahungu n’abakobga; ariko Dawidi arīremēsha, yisunze Uhoraho Imana yiwe.


Ariko we yar’ aryamye mu mutwe w’inyuma, yiseguye umusego yisinziriye. Baramukangura, baramubaza, bati Mwigisha, ntubabaye ko turiko turapfa?


Arahunga, kukw ar’ umucangero, atababaye intama.


Ariko jeho nd’ umugorwa, nd’ umukene: Yamar’ Uhoraho arambabara. Ni wewe mutabazi wanje n’ umurokozi wanje: Ntutebe Mana yanje.


Uremeke Uhoraho ibikorwa vyawe, Ni ho imigabo yawe izokomera.


Ni nde muri mwebge yoshobozwa n’amaganya kwisumvya uko yareha nk’ukuboko kumwe?


Ikibaganyisha impuzu n’iki? Ni murābe amashurwe yo ku misozi ingen’ akura, ntiyirirwa aratama, ntajisha impuzu;


Nuko ntimukiganyire, ngo Tuzorya iki? canke Tuzonywa iki? canke Tuzokwambara iki?


Nuko ni mutāshobora gukora igito rwose, n’iki gituma mwiganyira ibindi?


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite