Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




1 Petero 5:13 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 Ishengero ry’i Babuloni ry’abātoranijwe nkamwe rirabatasha, bo na Mariko, umwana wanje.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

13 Ishengero riri i Babiloni ryatoranijwe n’Imana rirabaramutsa, n’umwana wanje Mariko na we arabaramutsa.

Gade chapit la Kopi




1 Petero 5:13
11 Referans Kwoze  

Amaze kuvyiyumvira, aja kwa Mariya, nyina wa Yohana ari we Mariko, aho bāri bakoraniye benshi, bariko barasenga.


Kandi Barunaba na Sauli bava i Yerusalemu, basubira inyuma, bashikirije ivyāgabuwe, bajana Yohana, ari we Mariko.


Asemerera n’ijwi rirenga, ati Kirakomvomvotse, kirakomvomvotse, Babuloni ca gisagara gihambaye, gicitse ikibanza c’abadayimoni, aharindirwa impwemu zihumanya zose, aharindirwa ibisīga bihumanya vyankwa vyose.


Mu ruhanga afise izina ry’akabanga, ryanditswe ngo BABULONI HAHAMBAYE, NYINA WA BA MARAYA, KANDI NYINA W’IBIHUMANYA VYO MW ISI.


Abana ba mwene nyoko yatoranijwe baragutasha.


Nzovuga i Rahabu n’i Babuloni, ko biri mu bo tuzinanyi: Ehe Filisitiya na Tiro bo na Etiyopiya; Abo ni ho bāvukiye.


Barunaba agomba ko bajana na Yohana na we, ari we Mariko.


Havyuka imitongano ibatera gutandukana, Barunaba ajana Mariko, avudukayo ari mu bgato, afata i Kupuro;


Arisitariko, uwo dusangiye umunyororo, arabatasha; na Mariko, mwene se wabo wa Barunaba, arabatasha, umwe mwabgirizwa ivyiwe: ni yaramuka aje i wanyu muze mumwākīre.


na Mariko, na Arisitariko, na Dema, na Luka, abo dusangiye igikorwa, baragutasha.


Jewe umushingantahe ndakwandikiye, mukamakare watoranijwe, mwe n’abana bawe abo nkunda vy’ukuri; kandi si jewe jenyene mbakunda, ariko n’abazi ukuri bose barabakunda,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite