Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




1 Petero 4:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Ikiruta vyose, mukovye mu gukundana, kuk’ urukundo rupfuka ivyaha vyinshi.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

8 Ariko ikiruta vyose, mushishikare gukundana, kuko urukundo rupfuka ivyaha vyinshi.

Gade chapit la Kopi




1 Petero 4:8
17 Referans Kwoze  

Urwanko ruvyura intonganya, Arik’ urukundo rupfuka ibigabitanyo vyose.


Ikigeretse kur’ ivyo vyose mwambare urukundo, ni rwo mugozi uzana gutungana.


Ūpfuka igicumuro aba arondera urukundo, Arik’ ūhoza ikintu mu kanwa atandukanya abakundana cane.


Nuko rero, ko mwejesheje imitima kwumvira ukuri, kugira ngo mukunde bene Data bitar’ uruheyiheyi, mukovye mu gukundana bivuye mu mitima.


mumenye yuk’ ūzimuruye umunyavyaha, akamukūra mu nzira yiwe yazimiriyemwo, aba amukirije ubugingo urupfu, kand’ aba apfutse ivyaha vyinshi.


Naho novuga indimi z’abantu n’iz’ abamarayika, ariko ntagira urukundo, noba ncitse umuringa uvuga, cank’ icuma kivuzwa kigasāma.


Namwe Umwami wacu abagwirize, abasagirize urukundo mukundana, no gukunda abandi bose, nk’uko natwe tumeze kuri mwebge:


Ugukunda bene Data ni kugumeho.


Arikw inyanduruko y’ukwigisha kwacu n’ukugira ngo bagire urukundo ruva mu mutima utanduye, utarimw’ ijwi ribāgiriza ikibi, no ku kwizera kutar’ ukw’ uburyarya.


Biradukwiye kwama tubashimira Imana, bene Data, nk’uko bikwiye, kuk’ ukwizera kwanyu gukura cane, n’urukundo rw’ umuntu wese muri mwebge mukundana rugwira.


Ūwishura atarumva Bimubera ubupfu n’agatētereza.


Ishavu ry’igipfu rica riboneka ako kanya, Arik’ uwitonda iy’atutswe arirengagiza.


Mukundwa, ndagusengera ng’umererwe neza muri vyose, uhore uhangaye, nk’uk’ ubugingo bgawe bumerewe neza.


Ariko bene Data, ikiruta vyose, ntimukarahire: ntimurahire ijuru, cank’ isi, cank’ iyindi ndahiro yose; arikw ijambo ryanyu ribe Ego, ego; Oya, oya; kugira ngo ntimucirwekw iteka.


Urukundo rurihangana, rugira neza, urukundo ntirugira ishari, urukundo ntirwihayagiza, ntirwihimbaza,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite