Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




1 Petero 4:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Birabatangaza yuko mudafatanya na bo kwirukira mu birenze urugero vy’ubuhumbu, bakabarementaniriza;

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 Ni co gituma, abo mwabikorana kera, batangara babonye mutagifatanije na bo muri vyo, bigatuma babavuga nabi.

Gade chapit la Kopi




1 Petero 4:4
11 Referans Kwoze  

mufise imitima itarimw’ ijwi ribāgiriza ikibi, kugira ngo no ku vyo muvugwa nabi, abatuka ingeso zanyu nziza zo muri Kristo bamāramāre.


mugire ingeso nziza mu mahanga, kugira ngo, no ku vyo babavuga nabi nk’inkozi z’ibibi, ibikorwa vyanyu vyiza babona bize bitume bahimbaza Imana ku musi ibagendeye.


Na bo babihāririje barogose, akunkumura impuzu ziwe, arababarira, at’ Amaraso yanyu araba ari mwebge akora! Jeho ndacuna; guhēra ubu ndaja ku banyamahanga.


Arikw abo bantu batuka ivyo batazi: kandi n’ivyo bamenyeshwa n’akameremere kabo, nk’ukw ibikōko bimeze bitagira ubgenge, na vyo nyene baravyiyonōnesha.


Arikw Abayuda babonye ishengero ryinshi, buzura ishari, bahakanya ivyo Paulo avuze, barabicokora.


Ivyabashitseko n’ivy’ uyu mugani w’ukuri ngw Imbga isubiye ku vy’ idashwe; kandi, ngw Ingurube yuhagiwe isubiye kwivurunga mu vyondo.


Arikw abo bantu bameze nk’ibikōko bitagira ubgenge, ibikōko bukōko, vyavukiye gutegwa no kwicwa, batuka ivyo batazi, guhonnya kwabo kuzobahonnya na bo,


Tugendane ingeso nziza, nk’abagenda ku murango, tutadandahirwa, tutaborerwa, tudasambana, tudakora ivy’ isoni nke, tudatongana, tutagira ishari.


Imisi mike ishize, umuhererezi akoranya ibintu vyiwe vyose, aragenda, aja mu kindi gihugu ca kure; ashitseyo yayisha ibintu vyiwe ubuhumbu.


Kandi ntimukaborerwe vino, irimw’ ubuhumbu; ariko mwuzure Mpwemu.


Muzobona ibara, mwebge abanyabgenge b’ivyanditswe n’Abafarisayo, mwa ndyarya mwe, kuko mwoza igikombe n’inkōko inyuma, arikw imbere vyuzuye ubgambuzi n’ukutigarura.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite