Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




1 Petero 4:18 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

18 Kandi k’umugororotsi akizwa agarukiye ku manga, ūtubaha Imana n’umunyavyaha bazoboneka hehe?

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

18 Kandi, “Nimba umugororotsi arokoka bigoranye, mbega uwutubaha Imana n’umunyavyaha bo bizobagendera gute?”

Gade chapit la Kopi




1 Petero 4:18
27 Referans Kwoze  

Rāba, umugororotsi azogererwa ibikwiranye na we mw isi: Non’ umunyakibi n’umunyavyaha ntibazorushiriza?


Arik’ umugororotsi ni yahindukira akava mu bugororotsi bgiwe, agakora ivy’ ukugabitanya, akīgāna ibizira vyose umunyakibi akora, mbega yobaho? Mu bikorwa vy’ubugororotsi vyose yakoze, nta na kimwe kizokwibukwa: ubuhemu bgiwe yagize, n’ivyaha vyiwe yakoze, ni vyo azopfa azize.


Ko bagirira bartyo igiti kibisi, non’ icumye kizogirirwa gite?


kugira ngw acire bose amateka, no kwemeza abatubaha Imana bose ko batsinzwe ku bikorwa vyose vyo kutubaha Imana bakoze batayubaha, n’amagambo yose akomeye abanyavyaha batubaha Imana bavuze bayirwanya.


Nuko rer’ uwiyumvira kw ahagaze ni yiyubare ntagwe.


Uburake bg’Imana bgarahishuwe, buvuye mw ijuru, ubgo irakira ukutayubaha kw’abantu kwose n’ukugabitanya, banyikirisha ukuri ukugabitanya kwabo.


baremesha imitima y’abigishwa, babahanūra ngo bagume mu kwizera: kandi yuko dukwiye guca mu marushwa menshi mu kwinjira mu bgami bg’Imana.


arikw amajuru y’ubu, bo n’isi, iryo jambo ryabibīkiye kuzosha, kugira ngo birindwe gushitsa ku musi w’amateka, wo gutikira kw’abatubaha Imana.


Mwirinde ibiboreza, mwame mugavye: umurezi wanyu, ari we wa Murwanizi, agendagenda nk’intambge yivuga, arondera uwo arotsa.


arikw Imana yatweretse urukundo rwayo idukunda, kuko Kristo yadupfiriye tukir’ abanyavyaha.


Kand’ ico gice ca gatatu nzobacisha mu muriro wo mu ruganda, mbakūremw’ inkamba nk’uko bazikūra mw ifeza, mbageragereshe kubavugutira, nk’uko bagerageza izahabu: bazokwambaza izina ryanje, nanje nzobumva; nzovuga, nt’ Abo n’abantu banje, na bo bazovuga, bat’ Uhoraho ni we Mana yanje.


ko ntanguriye ku gisagara citiriwe izina ryanje kuhazana ivyago, none mwebge mwobura guhanwa? Eka ntimuzobura guhanwa na mba: kuko nzohamagara inkota ngw ize ku baba kw isi bose, ni jewe Uhoraho Nyen’ ingabo mbivuze.


Nuko, kukw isezerano ryo gushika mu buruhukiro bgayo rikiriho, twiyubare kugira ngo kumbure ntihagire uwo muri mwebge yiyumvirwa kw akērerewe.


Tugifise intege nke, mu gihe gikwiye Kristo yapfiriye abatubaha Imana.


Kand’ Abanyesodomu bār’ abanyavyaha, bacumura k’Uhoraho birengeje urugero.


arambgira, ati Nta co utinya, Paulo; ukwiye guhagarara imbere ya Kayisari, kand’ ehe Imana ikwemereye n’abo mugendanye bose.


Abatozakori bose n’abanyavyaha bāriko baramwēgēra, ngo bamwumve.


Kand’ akagutuma ku rubanza, akakubgira, ati Genda ugeseze rwose ba banyavyaha b’Abamaleki, ubarwanye gushitsa baherengeteye?


Paulo abarira wa mugabisha w’abasoda ijana, hamwe n’abasoda na bo, at’ Aba ni bataguma mu bgato ntimushobora gukira.


azi yukw ivyagezwe bitāshiriweh’ umugororotsi, ariko vyāshiriweh’ abagarariji n’ibigāba, abatubaha Imana n’abanyavyaha, abanegura ivyayo n’abakora ibizira, abica ba se na ba nyina, abicanyi,


Umugororotsi mwamuciriyekw iteka, muramwica, ntiyabarwanya.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite