Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




1 Petero 4:10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Nk’uk’ umuntu wese yagabiwe ingabire muzigaburirane, nk’uko bibereye ababgiriza beza b’ubuntu bg’Imana bg’uburyo bginshi.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

10 Umwe wese akoresha ingabire yose yahawe n’Imana ku nyungu z’abandi. Muzikoreshe nk’abizigirwa b’Imana bagabura ubuntu bw’Imana bw’uburyo bwinshi.

Gade chapit la Kopi




1 Petero 4:10
29 Referans Kwoze  

Kuko na none Umwana w’umuntu atāzanywe no gukorerwa, atar’ ugukorera abandi, no gutanga ubugingo bgiwe kw incungu ya benshi.


Imana ntigabitanya ngo yibagire ibikorwa vyanyu n’urukundo mwerekanye ko mukunze izina ryayo, kuko mwātunga abera, na none mukibatunze.


Arik’ ubuntu bg’Imana ni bgo bgatumye mba uko ndi, kand’ ubuntu bgayo nagiriwe ntibgabaye ubg’ ubusa, ariko natamye kurusha bose; ariko si jewe yamara n’ubuntu bg’Imana bgari kumwe nanje.


Nk’uko nahawe ubuntu n’Imana, nashizeh’ itanguriro, nk’umwubakisha mukuru w’ubgenge, uwundi yubakako. Arik’ umuntu wese ni yiyubare uko yubakako.


Kandi yahaye bamwe kuba intumwa, abandi kuba abavugishwa na we, abandi kuvuga ubutumwa bgiza, abandi kuba abungere n’abigisha:


Vyarabahimbaye, kandi babafitiye umwenda: kuko namb’ abanyamahanga bāsangiye ivy’ impwemu vyabo, bafise umwenda wo kubafasha ku vy’umubiri.


Kuk’ umuzezwashengero akwiye kutabak’ umugayo, nk’umubgiriza w’Imana nyene; kandi ntakwiye kuba ūdakūrwa kw ijambo, cank’ ūsugurirwa, cank’ umunywi wa vino, cank’ umusinzi, cank’ uwifuza inyungu mbi;


Jewe, uwuri mu nyuma y’uwo mu nyuma y’abera bose, naherewe ubgo buntu kubgira abanyamahanga ubutumwa bgiza bg’itunga rya Kristo ritagira aho riherera,


Umwami Yesu na we aramubaza, ati Ni nde mubgiriza wo kwizigirwa w’ubgenge, shebuja yosigarana abo mu rugo rwiwe, ngw abagaburire ku ngero yabo igihe kigeze?


Ni nde aguteye kwitandukanya n’abandi? Kand’ ic’ ufise utāhawe n’igiki? Ariko namba waragihawe, n’iki gituma wirata, nk’ūtāgihawe?


Ahamagara icumi bo mu bishikira biwe, abaha amahera cumi yitwa mina, arababarira, ati Muyacuruze, mugeze aho nzozira.


na Yowana muka Kuza, umubgiriza wa Herode, na Susana, n’abandi bagore benshi, bābafashisha ivyabo.


Kandi ko dukorana na yo, turabinginga, ntimuhērwe ubuntu bg’Imana gupfa ubusa:


Arik’ ubu ndiko ndaja i Yerusalemu kugaburira abera.


Maze na bo bazomwishura, bati Mwami, twakubonye ryari ushonje, cank’ ufise inyota, cank’ ur’ ingenzi, cank’ ugenda gusa, cank’ urwaye, cank’ uri mw ibohero, ntitwagira ico tugukorera?


nk’uk’ Umwana w’umuntu atāzanywe no gukorerwa, atar’ ugukorera abandi, no gutanga ubugingo bgiwe kw incungu ya benshi.


Umwami amuhe kuzoronka imbabazi ziva ku Mwami kuri wa musi. Kand’ ivyo yankoreye muri Efeso uko bingana, nta wukurusha kubimenya.


None ni nde mushumba wo kwizigirwa w’ubgenge shebuja yosigarana abo mu rugo rwiwe, ngw abagaburire igihe kigeze?


Kand’ ubu butumwa bgiza bg’ubgami buzovugwa mw isi yose, ngo bube ikimenyetso kibere icabona amahanga yose, maz’ umuhero uzoca uza.


Ivy’ ukugaburira abera sindinda kubibandikira.


Kuko mur’ iyo misi hazoba amarushwa ahambaye atigeze kubaho kuva kw itanguriro ry’isi ugashitsa n’ubu, kandi ntazokwongera kubaho.


Kand’ Imana igira ubuntu bgose, yabahamagariye ubgiza bgayo budashira muri muri Kristo, ni mwaheza kubabazwa akanya gato, izobahīngūra rwose ubgayo, izobaremesha, ibahe inkomezi.


Mbandikiye icete c’amajambo make, canditswe na Siluwano, mwene Data w’umwizigirwa uko niyumvira; mbahanūra nshinga intahe yuk’ ubgo ari bgo buntu bg’Imana bg’ukuri: mubuhagararemwo mushikamye.


N’uwa zibiri abigenza artyo, yungukamw’ izindi zibiri.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite