Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




1 Petero 4:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Nuko kuko Kristo yababarijwe mu mubiri, mwitwaze nk’ibirwanishwa ben’ uyo mutima: kuk’ ūbabarijwe mu mubiri aba amaze kureka icaha,

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Nuko rero, ko Kristo yababajwe mu mubiri, namwe mwamane uwo mutima, igihe cose mwame mwiteguriye kubabazwa nk’uko yababajwe. Kuko uwumaze kubabazwa mu mubiri ahorwa Kristo aba atakiganzwa n’icaha.

Gade chapit la Kopi




1 Petero 4:1
17 Referans Kwoze  

Kand’ aba Kristo Yesu bābambanye akameremere kabo n’ivyo gahahamiye n’ivyo kifuza.


Kuko na Kristo yababajwe rimwe ahōrwa ivyaha, umugororotsi yababarijwe abagabitanya, kugira ngw adushikirize Imana; yishwe umubiri, ariko yahinduwe muzima mu buryo bg’impwemu:


Abe ari ko namwe mwiyumvira ko mwāpfuye ku caha, ariko ko muriho mur’ ab’ Imana, muri muri Kristo Yesu.


Nabambanywe na Kristo, ariko ndiho; yamara si jewe nkiriho, ni Kristo ariho muri jewe. Ivyo nkora vyose nkiriho mu mubiri mbikoreshwa no kwizera Umwana w’Imana yankunze, akanyigura.


kuk’ uwapfuye aba atsindanishirijwe icaha.


Kubg’ ivyo mwābīre ibirwanishwa vyose vy’Imana, kugira ngo mushobore kudatsindwa ku musi mubi, kandi ni mwaheza vyose mugahagarara mushikamye.


Ni mwiyuhagire, mwitunganye, mukūreh’ ibibi vyo mu bikorwa vyanyu bive mu nyonga zanje; mureke gukora ibibi,


Mugire wa mutima muri mwebge wari muri Kristo Yesu.


Biragahera. Twebge twapfuye ku caha, twoba tukikibamwo dute?


Nuko mushire imitima kur’ uyo yihanganiye ibihāri bihambaye birtyo abanyavyaha bāmuhāririje, ntimucobogore, ntimudendebukirwe mu mitima yanyu.


Kuk’ ūshitse mu buruhukiro bgayo, na we aba aruhutse ibikorwa vyiwe, nk’ukw Imana yaruhutse ivyayo.


Amazu yawe bazoyatongoza umuriro, bagushitsekw iteka uciriweko, abagore benshi babirorēra; nanje nzozimiriza ugusambana kwawe, kandi ntuzokwongera gutanga impēra yakwo ukundi.


Ivyo ni vyo mwahamagariwe, kuko na Kristo yabababarijwe, akabasigarana icitegererezo, kugira ngo mugere ikirenge mu ciwe.


Ni co gituma mukwiye kwumvira Uhoraho Imana yanyu, mukitondera ivyagezwe vyiwe n’amabgirizwa yiwe, ivyo mbagera uyu musi.


Abarira uwo muntu anyunyutse ukuboko, ati Va hasi, uhagarare hagati.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite