Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




1 Petero 3:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 ntimugere ikibi ku kindi, cank’ igitutsi ku kindi; ariko mubigerāne n’umuhezagiro, kukw ico ari co mwahamagariwe, kugira ngo namwe muragwe umugisha.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

9 Ntimukihorane canke ngo mwishure uwubatutse. Ahubwo mubahezagire kuko ico ari co Imana yabahamagariye gukora ngo namwe muragwe umuhezagiro.

Gade chapit la Kopi




1 Petero 3:9
26 Referans Kwoze  

Ntimusubirize umuntu mu nkōko ikibi yabagiriye; mubabare gukora ivyiza imbere y’abantu bose.


Ntukavuge, uti Nzokwihōra ikibi nagiriwe: Ni witege Uhoraho, ni we azogukiza.


Ababahama mubahezagire; mubahezagire, ntimubavume;


Mwirinde, ntihagire umuntu yīhōra uwundi ikibi yamugiriye, ariko mwame mukurikira iciza mu vyo mugiriranira no mu vyo mugirira abandi bose.


Ariko jeho ndababgire: Mukunde abansi banyu, musabire ababahama,


Mugiriranire neza, mugiriranire imbabazi, muharirane, nk’ukw Imana na yo yabahaririye muri Kristo


ariko jeho ndababgire: Ntimurwanye umunyakibi: ūgukubise urushi mu musaya w’i buryo umuhindukirize n’uwundi;


Uwishura iciza ikibi, Ikibi ntikizoruha kiva ku nzu yiwe.


Kand’ Imana igira ubuntu bgose, yabahamagariye ubgiza bgayo budashira muri muri Kristo, ni mwaheza kubabazwa akanya gato, izobahīngūra rwose ubgayo, izobaremesha, ibahe inkomezi.


Kandi turazi yuko ku bakunda Imana vyose bifataniriza hamwe kubazanira ivyiza, abāhamagawe nk’uko yabigabiye.


Maz’ Umwami azobgira abar’ i buryo bgiwe, ati Ni muze, abo Data yahezagiye, muragwe ubgami mwateguriwe, uhereye ku kuremwa kw’isi.


it’ Eka no kuguha umugisha nzowuguha, kandi no kukugwiza nzokugwiza.


Umukuru w’isinagogi aramubaza, ati Mwigisha mwiza, nkore iki, ngo nze ndagwe ubugingo budashira?


Maz’ umwe mu bigisha ivyagezwe ava hasi, aramugeza, ati Mwigisha, nkore iki, ngo nze ndagwe ubugingo budashira?


Umuntu wese yasize urugo canke bene nyina canke bashiki be canke se canke nyina cank’ abana cank’ itongo kubg’ izina ryanje, azobishumbushwa umurengera, kand’ azoragwa ubugingo budashira.


abo yatoranije kera, yarabahamagaye; abo yahamagaye, yarabatsindanishirije; abo yatsindanishirije, yabahaye ubgiza.


Agisohoka ngw akomeze urugendo, haza umuntu kuri we yirukanga, aramupfukamira, aramubaza, ati Mwigisha mwiza, nkore iki, ngo nze ndagwe ubugingo budashira?


Maze Yosefu agera ko babuzuriza impeke amagunira yabo, kandi ngo basubize amahera y’umuntu wese mw igunira ryiwe, kandi ngo babahe n’impamba: babagirira bartyo.


Uhoraho arakabishira kure yanje, ko nobangurira ukuboko uwo Uhoraho yimikishije amavuta; ariko ni wābīre iryo cumu riri ku mutwe wiwe, n’uwo mukuza w’amazi, uze tugende.


Umuntu wese azimiza abagororotsi ngo bajane inzira mbi, Na we nyene azogwa mu rwobo rwiwe ubgiwe: Arikw abatunganye bazoragwa ivyiza.


kugira ng’umugisha wa Aburahamu ushike ku banyamahanga, bawuheshejwe na Yesu Kristo, kugira ng’ukwizera kuturonkeshe Mpwemu twasezeraniwe.


Kuko muzi yuko hanyuma, hamwe yagomba kuragwa umugisha, atemerewe, kukw atābonye uburyo bgo kwihana, naho yawurondera cane arira.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite