Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




1 Petero 3:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Ibisigaye, mwese muhūze umutima, mubabarane, mukundane nk’abavukana, mugiriranire imbabazi, mwicishe bugufi mu mutima;

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

8 Mu kurangiza, mwese nimuhuze umutima n’inama, mubabarane, mukundane nk’abavukana. Mugire umutima mwiza kandi umuntu wese yicishe bugufi imbere ya mugenziwe.

Gade chapit la Kopi




1 Petero 3:8
32 Referans Kwoze  

ku vyo gukunda bene Data, mukundane rwose; ku vy’icubahiro, umuntu wese ashire imbere mugenzi we;


Nuko rero, ko mwejesheje imitima kwumvira ukuri, kugira ngo mukunde bene Data bitar’ uruheyiheyi, mukovye mu gukundana bivuye mu mitima.


Umururazi wose no kujingitwa n’uburake no gutongana no gutukana bibavemwo, hamwe n’inzigo yose.


Arik’ ubgenge buva mw ijuru, irya mbere buratunganye, kandi n’ubg’ amahoro, burengenga, bukunda kugīrwa inama, bguzuye imbabazi n’imbuto nziza, ntibukekeranya, ntibugira uburyarya.


mwiyoroheje rwose, mufise ubugwaneza, mwihangana, mubabariranira muri mu rukundo,


rit’ Uku ni k’ Uhoraho Nyen’ ingabo yagize, ati Ni muce imanza ziroranye, umuntu wese agirire mugenzi we imbabazi n’ikigongwe.


Nuko rero, nk’uko bibereye abātoranijwe n’Imana bera bakundwa na yo, mwambare umutima w’ikigongwe, n’ineza, n’ukwicisha bugufi, n’ugutekereza, n’ukwihangana,


Kand’ urugingo rumwe iyo rubabaye, ingingo zose zirababazanywa na rwo: cank’ iy’ urugingo rumwe ruhawe icubahiro, ingingo zose zihimbaranwa na rwo.


none nawe ntiwar’ ukwiye kugirira imbabazi mugenzawe, nk’uko nanje nazikugiriye?


Twebge turazi yuko twavuye mu rupfu, twashitse mu bugingo, kuko dukunda bene Data. Ūdakundana yama mu rupfu.


Ariko ndabinginga, bene Data, mw izina ry’Umwami wacu Yesu Kristo, mwese mube imvugarimwe, kandi n’ibice ntibiremwe muri mwebge, ariko mutunganywe rwose hamwe, muhūje umutima n’inama.


Kand’ abizeye b’akavuvu bari bahūje umutima n’inama, kandi nta n’umwe yakīmbūkira ikintu cose atunze ngo n’iciwe, ariko vyose bārabisangira.


Namwe bukungu, mugamburukire abashingantahe. Mwese mukenyere ukwicisha bugufi kugira ngo mukorerane: kukw Imana irwanya abībona, arikw abicisha bugufi ikabaha ubuntu.


Ugukunda bene Data ni kugumeho.


ukwubaha Imana mukwongereko gukunda bene Data; ugukunda bene Data mukwongerek’ urukundo.


Mwubahe abantu bose; mukunde bene Data; mutinye Imana; mwubahe umwami.


Nk’uko se w’abana abagirira akagongwe, Ni k’Uhoraho akagirira abamwubaha.


Eh’ abihanganye tubita abahirwe: mwarumvise ukwihangana kwa Yobu, mwabonye ivy’ Umwami Imana yaherutse kumugirira, ingene yuzuye imbabazi no kugira ikigongwe.


Kuk’ urubanza rutagirira akagongwe ūtāgize akagongwe. Ariko mu rubanza ikigongwe kiratsinda.


Mugabo rero, ukuri dushitsemwo, abe ari kwo tugenderamwo.


Arikw Imana itanga ukwihangana n’uguhumurizwa ibahe guhūza imitima yanyu, nk’uko Kristo Yesu agomba,


Hafi y’aho hantu hār’ amatongo y’umukuru w’ico kizinga, yitwa Pubiliyo, aratwākīra, atuzimāna neza imisi itatu.


Bukeye bg’aho dufata i Sidoni, Yuliyo agirira Paulo neza, amukundira kugendera abagenzi ngo bamuzimane.


Umusi wa Pentekote ushitse, bose bāri bakoraniye ahantu hamwe;


Ūgwirisha itunga ryiwe inyungu ivuye ku vyo yagurānye, akāka n’ibirenzeko, Aba abirundanirije ūgirira akagongwe abagorwa.


Maz’ Umusamariya yari mu nzira ashika kuri we, amubonye amutera akagongwe:


Mugiriranire neza, mugiriranire imbabazi, muharirane, nk’ukw Imana na yo yabahaririye muri Kristo


Ntimugire ico mukora kubgo gukēbana cank’ ukwifata uko mutari, ariko mwicishije bugufi, umuntu wese yiyumvire yuko mugenzi we amuruta,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite