Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




1 Petero 3:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Ni kw abagore bera bizigira Imana bāshaza kera, bagamburukira abagabo babo,

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

5 Ni muri ubwo buryo abagore bera ba kera bashaza. Bashize ivyizigiro vyabo mu Mana hanyuma bubaha abagabo babo.

Gade chapit la Kopi




1 Petero 3:5
17 Referans Kwoze  

Umupfakazi w’inyakamwe asigaye ar’ umwe, yizigira Imana, agashishikara kwinginga no gusenga ku murango no mw ijoro.


handikwe ūshimirwa ibikorwa vyiza, namba yararera abana, namba yaratanga indāro, yarōza ibirenge vy’abera, yarafasha abababaye, yarashishikara gukurikira ibikorwa vyiza vyose.


Yamar’ azokizwa kubg’ ukuvyara, ni bashishikara kwizera no kugira urukundo no kwezwa, bifatanye no kudahugumba.


Kand’ i Yopa hār’ umwigishwa yitwa Tabita, risobanurwa ngo Doruka: uwo mugore yari n’ibikorwa vyiza vyinshi, n’ubuntu bginshi yagira.


kandi yamaze imyaka mirongumunani n’ine ar’ umupfakazi, ntiyava mu rusengero gusenga, yisonzesha yinginga, ku murango no mw ijoro.


Siga abana bawe b’ impfuvyi, nzobazigama mbabesheho; abapfakazi bawe ni banyizigire.


Akazuru gusa karahendana, n’ubgiza bgo ku rukoba nta co bumaze, Arik’ umugore yubaha Uhoraho ni we ashimwa.


Maze Hana arasenga, at’ Umutima wanje uvugiriza Uhoraho impundu, Ihembe ryanje rivyuwe n’ Uhoraho; Akanwa kanje kāsamiye abansi banje, Kuko nnejerejwe n’agakiza kiwe.


Ukwizera ni kwo kwatumye na Sara ashobozwa gusama inda, naho yari yaraciye, kuko yiyumviriye yukw iyasezeranye ar’ iyo kwizerwa.


ariko bashazishe ibikorwa vy’ingeso nziza, nk’uko bikwiye abagore bavuga yuko bubaha Imana.


Abo bose bāsenga badahumeka n’umutima uhūye, hamwe n’abagore, na Mariya nyina wa Yesu, na bene nyina.


Umugore aroranye ni nde yomuronka? Kukw ar’ uw’ igiciro kurusha utubuyenge twitwa marijani.


Ariko namwe nyene, umuntu wese akunde umugore wiwe nk’uko yīkunda; umugore na we ni yubahe umugabo wiwe.


Imana y’Umwami wacu Yesu Kristo, ari yo Se, iragahezagirwa, yatuvyaye ubga kabiri nk’ukw imbabazi zayo nyinshi ziri, kugira ngo tugire ivyizigiro bizima, ituvyaza ukuzuka mu bapfuye kwa Yesu Kristo,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite