Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




1 Petero 3:22 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

22 ar’i buryo bg’Imana, kuko yagiye mw ijuru, amaze guhabga gutwara abamarayika n’abanyabubasha n’abanyabushobozi.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

22 Ubu rero Yesu yarasubiye mw’ijuru. Yicaye mu kibanza c’iteka i buryo bw’Imana kandi abamarayika, abanyabushobozi n’abanyabubasha bose bari musi y’ubushobozi bwiwe.

Gade chapit la Kopi




1 Petero 3:22
24 Referans Kwoze  

Kuko Kristo atinjiye ahēra cane hākozwe n’intoke, h’ikigereranyo c’ah’ ukuri, ariko yinjiye mw ijuru ubgaho, kugira ngo non’ aduserukire imbere y’inyonga z’Imana.


dutumbereye Yesu wenyene, ni we nyanduruko yo kwizera kandi ni we yagusozereye; uwo, kubg’ umunezero yashizwe imbere, yihanganiye umusaraba, ntiyagira ikindi isoni zawo, avyagira i buryo bg’intebe y’Imana.


Arik’ uwo we, amaze gutanga ikimazi kimwe c’ivyaha c’intahava, avyagira i buryo bg’Imana,


Kand’ Umwami Yesu ahejeje kubibabarira, adūzwa mw ijuru, avyagira i buryo bg’Imana.


Mu yo tuvuga, yose arutwa na rimwe, n’iri: dufise umuherezi mukuru ameze artyo, avyagiye i buryo bg’intebe y’Īhambaye cane yo mw ijuru,


aho Yesu yatwinjiriye, atwitangiye imbere, amaze guhinduka umuherezi mukuru w’ibihe bidashira mu buryo bga Melekisedeki.


None rer’ asangwa mwarazuranywe na Kristo, murondere ibiri hejuru, iyo Kristo ari, avyagiye i buryo bg’Imana.


Kuko mmenye neza ntabikekeranya yuko naho rwoba urupfu, cank’ ubugingo, cank’ abamarayika, cank’ abaganza, cank’ ibiriho, cank’ ibizoba, cank’ abafise ubushobozi,


Ni nde azobatsindisha? Mbega ni Kristo Yesu, kand’ ari we yapfuye? Ibibiruta yarazutse, ar’i buryo bg’Imana, bitayekw aradusengera.


at’ Uhoraho yabariye Umwami wanje, At’ Icara i buryo bganje, Ushitse aho nzoshirira abansi bawe musi y’ibirenge vyawe.


Uwo, kukw ar’ ugukayangana kw’ubgiza bgayo, n’ishusho y’akameremere kayo, kand’ ashigikiza vyose ijambo ry’ubushobozi bgiwe, ahejeje gushirah’ umwuhagiro w’ivyaha, avyagira i buryo bg’icubahiro c’ubgami bgo mw ijuru:


iherezo rizoca rishika, ah’ azoshikiriza Imana ubgami, ni yo Data wa twese, ni yamara gukūrah’ ubukuru bgose, n’ububasha bgose, n’ubushobozi bgose.


Arikw ijuru rikwiye kumwākīra, gushitsa ku bihe vyo gusubira guhindura ibintu vyose bisha, nk’ukw Imana yavuze mu kanwa k’abera bayo yavugisha bose, uhereye ubga mbere na mbere.


barababaza, bati Yemwe bagabo b’i Galilaya, n’iki gitumye muhagaze murāba mw ijuru? Uyo Yesu, abakūwemwo, akadūzwa mw ijuru, azoza artyo, nk’uko mumubonye aja mw ijuru.


Dawidi ubgiwe yavugishijwe na Mpwemu Yera, aravuga, at’ Uhoraho yabariye Umwami wanje, At’ Icara i buryo bganje, Ushitse aho nzoshirira abansi bawe musi y’ibirenge vyawe.


Uhoraho yabariye Umwami wanje, at’ Icara i buryo bganje, Ushitse aho nzohindurira abansi bawe indava y’ibirenge vyawe.


Ariko ni nde wo mu bamarayika yigeze kubarira, it’ Icara i buryo bganje, Ushitse aho nzohindurira abansi bawe indava yo musi y’ibirenge vyawe?


Ko Dawidi ubgiwe avuga mu gitabo ca Zaburi, at’ Uhoraho yabariye Umwami wanje, At’ Icara i buryo bganje,


Yesu arabēgēra, arababgira, ati Jewe nahawe ububasha bgose mw ijuru no mw isi.


Kand’ ah’ izokwongera kuzana imfura yayo mw isi, it’ Abamarayika b’Imana bose bamusenge.


Nuko, ko dufise umuherezi mukuru akomeye, yaciye mw ijuru, ni Yesu Umwana w’Imana, tubangirize ivyo twizera tukavyatura.


Kand’ Imana, kw ishimagirijwe muri we, na yo izomushimagiriza muri yo, kand’ izomushimagiza vuba.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite