Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




1 Petero 3:14 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 Yamara naho mwobabazwa muhōwe ukugororoka, mwoba muhiriwe. Ntimuze mutinye ivyo babakangisha, ntimuhagarike imitima,

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

14 Ariko naho mwobabazwa muhorwa gukora ivyiza, Imana izobibahezagirira. “Ntimugatinye abantu kandi ntimugahagarike imitima yanyu.”

Gade chapit la Kopi




1 Petero 3:14
29 Referans Kwoze  

Ntimuze mutinye abica umubiri, badashobora kwica ubugingo: cane‐cane mutinye ūshobora guhonereza ubugingo n’umubirimuri Gehinomu.


Ni co gituma kubga Kristo nzonezererwa intege nke zanje, no gukubagurwa, n’imibabaro, no guhīgwa, n’ivyago: kukw iyo mbaye umunyantege nke ari ho ndushiriza kugira ubushobozi.


Hahirwa umuntu yihanganira ibimugerageza, kuko ni yamara kurama azohabga igitsibo c’ubugingo, ico Imana yasezeraniye abayikunda.


Amahoro ndayabasigaranye, amahoro yanje ndayabagabiye. Jeho simbagabira nk’ukw ab’ isi bagaba. Imitima yanyu ntihagarare, kandi ntitinye.


Ntimuhagarike imitima yanyu, mwizere Imana, nanje munyizere.


Yesu arababgira, ati Ndababgire ukuri, Nta waretse inzu, canke bene nyina, canke bashiki biwe, canke nyina, canke se, cank’ abana, cank’ itongo, kubganje no kubg’ ubutumwa bgiza,


kuk’ ūgomba gukiza ubugingo bgiwe azobubura, arik’ ūzoheba ubugingo bgiwe kubganje no kubg’ ubutumwa bgiza, azobukiza.


Umuntu wese yasize urugo canke bene nyina canke bashiki be canke se canke nyina cank’ abana cank’ itongo kubg’ izina ryanje, azobishumbushwa umurengera, kand’ azoragwa ubugingo budashira.


Kuk’ ūgomba gukiza ubugingo bgiwe azobubura, arik’ ūzoheba ubugingo bgiwe kubganje azoburonka.


nk’uko Sara yumvira Aburahamu, akamwita umwami wiwe; namwe mur’ abana b’uwo, ni mwahora mukora neza, mudaterwa ubgoba n’icobaca ivutu.


Ūrokora ubugingo bgiwe azobubura; n’ūheba ubugingo bgiwe kubganje azoburonka.


Ewe Uhoraho, ivyo urabizi: nyibuka, ungendere, umpōre abandendereza; ntunkūreho, kubg’ ukwihangana kwawe: menya kw ari kubgawe ntukwa.


Ntuz’ ugire ubgoba kubgabo, kuko nzoba ndi kumwe nawe ngo nkurokore, ni jewe Uhoraho mbivuze.


Ni jewe, ni jewe nyene mbahūmuriza; uri nde utinya umuntu, kand’ azopfa; n’umwana w’ umuntu, kand’ azohinduka nk’ivyatsi?


Kukw ico mwagabiwe kubga Kristo, atar’ ukumwizera gusa, ariko mwagabiwe no kubabazwa kubgiwe;


Nuko ntimutinye: mwebge muruta utunyoni twinshi.


nanje nzomwereka imibabaro ukw ingana azoba akwiye kubabazwa ahōrwa izina ryanje.


Uruhanga rwawe ndaruhaye gukomera nk’intosho rurushe isare: ntuz’ ubatinye canke ng’ urandurwe umutima n’igitsure cabo, nah’ ar’ inzu y’abagarariji.


Ntuzotinya ubgoba bga giturumbuka, Cank’ ukuzingazingwa kw’ abanyavyaha ni kwashika:


Eh’ abihanganye tubita abahirwe: mwarumvise ukwihangana kwa Yobu, mwabonye ivy’ Umwami Imana yaherutse kumugirira, ingene yuzuye imbabazi no kugira ikigongwe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite