13 Kandi ni nde yobagirira nabi, ni mwagira ishaka ry’ivyiza?
13 None ni nde azobagirira nabi mu gihe mufise ishaka ryo gukora ivyiza?
Inzira z’umuntu iyo zihimbaye Uhoraho Atuma n’abansi biwe buzura na we.
Mwirinde, ntihagire umuntu yīhōra uwundi ikibi yamugiriye, ariko mwame mukurikira iciza mu vyo mugiriranira no mu vyo mugirira abandi bose.
Kandi turazi yuko ku bakunda Imana vyose bifataniriza hamwe kubazanira ivyiza, abāhamagawe nk’uko yabigabiye.
Mukundwa, ntukīgāne ikibi, ariko wīgāne iciza. Ūkora ivyiza ni we w’Imana; ūkora ibibi ntiyabonye Imana.
Abasubiza ibibi abābakoreye ivyiza Na bo bambereye abarwanizi, kuko nōma inyuma y’iciza.
handikwe ūshimirwa ibikorwa vyiza, namba yararera abana, namba yaratanga indāro, yarōza ibirenge vy’abera, yarafasha abababaye, yarashishikara gukurikira ibikorwa vyiza vyose.
Mwirukire urukundo: yamara mwifuze cane ingabire za Mpwemu, cane‐cane kuvugishwa n’Imana.
Kukw abaganza atar’ abateye ubgoba k’ūkora iciza, shit’ ūkora ikibi. Uragomba kutagirira ubgoba ūganza? Kora neza, azogushima.
Inzira y’umunyakibi n’igisesema k’Uhoraho, Arikw akunda ūkurikira ubugororotsi.
Nuko mwīgāne Imana, nk’abana ikunda.
Nta cago kizoba ku mugororotsi, Arikw abanyakibi buzuye ibibi.
ati Mujane, umuzigame neza, ntugire ico umugira; kand’ ukw azogomba abe ari k’uzomugirira.
yatwiguze kugira ngw aducungure, adukūrekw ivyo twagabitanije vyose, kandi yihumanurire ubgoko ngo babe icibare ciwe, barwane ishaka ry’ibikorwa vyiza.