Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




1 Petero 3:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Namwe bagore n’uko, mugamburukire abagabo banyu, kugira ngo, naho bamwe batumvira ijambo ry’Imana, bareshwe n’ingeso nziza z’abagore babo, batagize ijambo bavuze,

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Kandi muri iyo nzira nyene, bagore, mwubahe abagabo banyu; kugira ngo na barya batumvira Ubutumwa Bwiza, bahindurwe n’ingeso nziza z’abagore babo ata majambo arinze kuvugwa,

Gade chapit la Kopi




1 Petero 3:1
26 Referans Kwoze  

Bagore, mugamburukire abagabo banyu, nk’uko bibereye abari mu Mwami wacu.


Ariko namwe nyene, umuntu wese akunde umugore wiwe nk’uko yīkunda; umugore na we ni yubahe umugabo wiwe.


Ariko ndagomba ko mumenya k’umutwe w’umugabo wese ari Kristo, kandi k’umutwe w’umugore ar’ umugabo, kandi k’umutwe wa Kristo ar’ Imana.


Yewe mugore, ubgirwa n’iki yuk’ uzokiza umugabo wawe? Yewe mugabo, ubgirwa n’iki yuk’ uzokiza umugore wawe?


Kand’ abarira uwo mugore, ati Nzogwiza rwose umubabaro wawe ufise inda; uzokwama uvyara abana ubabara; kand’ umugabo wawe uzomuhoranira inyota, na we azokuganza.


Namwe bagabo n’uko, mubane n’abagore banyu nk’abazi ibibereye, kukw ari nk’imbombovu zidahwanije namwe inkomezi: kandi mubahe icubahiro, kuko na bo ar’ abaraganwa namwe ubuntu bg’ubugingo, kugira ng’ugusenga kwanyu ntikugire ikigutesha.


Kukw ivyagezwe bihambirira umugore ku mugabo wiwe, akiriho: arik’ umugabo wiwe iy’ apfuye, umugore aba ahamburuwe ngo ntaganzwe na we.


abagore bacereze mw ishengero, kuko batemererwa kuvuga. Ariko baganzwe, nk’ukw ivyagezwe na vyo bivuga.


Mugenzawe ni yakugirira nabi, ugende umuhishuke mwiherereye; ni yakwumvira, uzoba wigaruriye mugenzawe.


Mugendane ubgenge ku bo hanze, mugura uburyo mubugwiza.


Ukwizera ni kwo kwatumye Aburahamu yumvira Imana imuhamagaye, akaja ahantu yar’ abīkiwe kuragwa: nukw agenda, atazi iy’ aja.


hagati mu muriro waka, yishure guhōrwa abatāmenye Imana n’abatumvira ubutumwa bgiza bg’Umwami wacu Yesu.


Arikw Imana ishimwe yuko naho mwar’ abagurano b’icaha, mwumviye mu mitima uburyo bgo kwigishwa mwahawe:


Uwo muvukana iy’ umukomeretseko bigora kumugarura kurusha kunesha igisagara gikomeye, Kand’ ibitāti ben’ ivyo bimeze nk’ibihindizo vyugara inzu y’igihome.


Imbuto y’umugororotsi n’igiti c’ubugingo, Kand’ ūfise ubgenge ahindura imitima y’abantu.


Kukw igihe gishitse c’uk’ urubanza rutangurira mu b’inzu y’Imana: none ko rutanguriye kuri twebge, iherezo ry’abatumvira ubutumwa bgiza bg’Imana rizomera rite?


Nuko rero, ko mwejesheje imitima kwumvira ukuri, kugira ngo mukunde bene Data bitar’ uruheyiheyi, mukovye mu gukundana bivuye mu mitima.


kand’ amaze guhīngūrwa rwose, abera abamwumvira bose inyanduruko y’agakiza kadashira:


Arikw abumviye ubutumwa bgiza si bose. Kuko Yesaya yavuze, ati Mwami, ni nde yemeye ivyo twumvise?


ni bābona ingeso zanyu zitunganye zifatanije n’ugutinya.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite