Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




1 Petero 2:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 N’ibuye ritsitaza n’urutare rugwisha; kuko batsitara kw ijambo ry’Imana, bataryumvira: kandi ni co bāshiriweho.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

8 Kandi ngo: “Ni ibuye ritsitaza, n’urutare rugwisha.” Batsitara kuko batumvira ubutumwa bari barateguriwe.

Gade chapit la Kopi




1 Petero 2:8
16 Referans Kwoze  

Nukw azobabera ahēra; arikw azobera inzu zompi z’Abisirayeli ibuye ritsitaza n’urutare rugwisha, abere n’ababa i Yerusalemu ururiba n’ umutego.


ariko tweho tubabarira ivya Kristo yabambge: uyo ku Bayuda n’ikigwisha, ku banyamahanga n’ubupfu:


Nuko mwebge abizera ni mwebge mwagerewe ico giciro, ariko ku banka kwizera, ngw Ibuye abubatsi bāgaye, Ni ryo ryahindutse irigumya imfuruka,


Mbega har’ ico biriko, nah’ Imana yagomvye kwerekana uburake bgayo, no kumenyesha ubushobozi bgayo, namba yihangananiye imbabazi nyinshi inzavya z’ukuraka, ziteguriwe guhona;


Kuko hariho bamwe bābājemwo binyegeteza, bandikiwe kera gucirwakw iryo teka, batubaha Imana, bahindura ubuntu bg’Imana yacu isoni nke, bakīhakana Yesu Kristo, ni we wenyene Databuja n’Umwami wacu.


Kand’ ukwifuza inyungu kwabo kuzobatera kwunguka kuri mwebge, bababgiye amagambo y’amaremano: gucirwakw iteka kwabo uhereye kera ntiguteba, no guhona kwabo ntiguhunyiza.


Kukw Imana itādushiriyeho kuturakira, ariko yadushiriyeho guheshwa agakiza n’Umwami wacu Yesu Kristo,


Simeyoni arabahezagira, abgira nyina Mariya, at’ Umve, uyu ashiriweho kugira ngo benshi mu Bisirayeli bagwe, benshi bavyuke, no kuzoba ikimenyetso kigawa,


Kur’ abo tur’ agacūku k’urupfu kazana urupfu, kuri ba bandi tur’ ubumote bg’ubugingo buzana ubugingo. Kand’ ivyo ni nde abishobora?


ut’ Ariko, icatumye aba arakuretse, n’ukugira ngo akwereke ubushobozi bgiwe, kandi ngw izina ryiwe ryāmāmare mw isi yose.


Kand’ azovuga, ati Ni muharure, ni muharure, mutunganye inzira, mukūre ibitsitaza mu nzira y’abantu banje.


Mbega ntiwumvise uko nabigenjeje kera, mbigabiye mu bihe vyashize? None narabishikije, kugira ng’ uhonnye ibisagara vyubakiwe inzitiro, ubihindure ibirundo vy’amasakamburira.


Ariko jewe, bene Data, namba nkibarira abantu gukebga, n’iki gituma ngihamwa? Igitsitaza c’umusaraba kiba carahindutse ubusa.


Kuko mu vyanditswe harimw’ aya majambo, ngo Rāba, ndashira i Siyoni ibuye rigumya imfuruka, ryatoranijwe, riri n’igiciro, Kand’ ūryizera ntazomāramāzwa.


Kukw ari yo izonshitsakw ivyo yangereye: Kand’ ifise ibindi vyinshi bimeze nk’ivyo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite