Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




1 Petero 2:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Nuko mwebge abizera ni mwebge mwagerewe ico giciro, ariko ku banka kwizera, ngw Ibuye abubatsi bāgaye, Ni ryo ryahindutse irigumya imfuruka,

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

7 Kuri mwebwe abizera, iryo buye rifise igiciro kinini; ni ryo ryahindutse irigumya imfuruka. Ariko ku batizera bo, handitswe ngo: “Ibuye abubatsi bagaye ni ryo ryahindutse irigumya imfuruka.”

Gade chapit la Kopi




1 Petero 2:7
26 Referans Kwoze  

Yesu arababaza, ati Nta ho murasoma mu vyanditswe, ngw Ibuye abubatsi bāgaye Ni ryo ryahindutse irigumya imfuruka: Ivyo vyavuye k’Uhoraho, Kandi n’igitangaza mu maso yacu?


N’ibuye ritsitaza n’urutare rugwisha; kuko batsitara kw ijambo ry’Imana, bataryumvira: kandi ni co bāshiriweho.


Uwo muramukunda naho mutigeze kumubona; kandi n’ubu, naho mutaramubona, muramwizera, bibatera kunezerwa akanyamuneza k’ubgiza katovugwa,


Ukwizera ni kwo kwatumye Rahabu, maraya, ataranduranwa n’abatumviye Imana, kuko yākīranye amahoro abaje gutata.


Nuko tugire umwete wo gushika mur’ ubgo buruhukiro, hoye kugira umuntu agwa, akurikiye icitegererezo ca ba bandi co kutumvira Imana.


Kuko natwe nyene kera twar’ ibipfu, tur’ intabarirwa, tuzimizwa, tujakariye ukwifuza n’ukwinezereza vy’uburyo bginshi, twama tugira urwanko n’igono, tur’ abo kwankwa natwe twankana.


Kandi munengeserezwa no kumubamwo, ni we mutwe w’ubukuru bgose n’ububasha bgose.


Kur’ abo tur’ agacūku k’urupfu kazana urupfu, kuri ba bandi tur’ ubumote bg’ubugingo buzana ubugingo. Kand’ ivyo ni nde abishobora?


nkire ab’i Yudaya batayumvira, kand’ ingaburo yanje ngiye kugabura i Yerusalemu ishimwe n’abera;


Ariko ku Bisirayeli aravuga, ati Nirirwa ntegeye amaboko ubgoko butumva butongana.


Nuko, mwami Agiripa, sinanka kwumvira ivyo neretswe vyavuye mw ijuru.


maze babgira uwo mugore, bat’ Ubu ho ntitwizeye kubg’ amajambo yawe gusa, kuko natwe twīyumviye kandi tumenye k’uyu ar’ Umukiza w’isi vy’ukuri.


Arabitegereza, arababaza, ati None rer’ aya majambo yanditswe n’amaki, ngw Ibuye abubatsi bāgaye, Ni ryo ryahindutse irigumya imfuruka?


Kuba umuco wākira amahanga, No kuba ubgiza bg’abantu bawe b’Abisirayeli.


Wa musozi munini we, ur’ iki? Uzocikira ikiyaya imbere ya Zerubabeli; azozana ibuye ryo gusōzēra kwubaka, basēsereza impundu, bat’ Ubuntu, ubuntu bube kuri ryo!


kandi nzohindisha amahanga yose agashitsi, kand’ ivy’ igiciro vyo mu mahanga yose bizoza, nanje nzokwuzuza iyi ngoro ubgiza, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize.


Kur’ uwo musi Uhoraho Nyen’ ingabo azobera abantu biwe b’amasigarira igitsibo c’icubahiro n’umugāra w’ubgiza:


Simeyoni arabahezagira, abgira nyina Mariya, at’ Umve, uyu ashiriweho kugira ngo benshi mu Bisirayeli bagwe, benshi bavyuke, no kuzoba ikimenyetso kigawa,


Nuko mumwēgēre, ari we buye rifise ubugingo, ryagawe n’abantu, ariko ku Mana ryaratoranijwe, riri n’igiciro,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite