3 asangwa mwarayumvirije mukumva yuk’ Umwami wacu agira neza.
3 nimba vy’ukuri mumaze kwumviriza mukamenya ukugira neza kw’Umwami wacu.
Ni mwumvirizeko, mumenye yuk’ Uhoraho aryoshe: Hahirwa ūmuhungirako.
Umutima wanje uzohāzwa nk’ūriye umusokōro n’ibinure: Akanwa kanje kazogushimisha iminwa inezerewe,
Ewe ineza yiwe ukuntu ari nyinshi, n’ubgiza bgiwe ukuntu ari bginshi! Ingano zizotera abasore itōto, n’umutobe wa vino utotahaze abigeme.
Uwo Mwami w’ubgiza ni nde? N’Uhoraho afise inkomezi n’ ubutōre, N’Uhoraho afise ubutōre mu ntambara.
Nk’igiti c’icungwa mu bindi biti vyo mw ishamba Ni k’umukunzi wanje ameze mu bandi basore. Mpimbarwa no kwicara mu gitūtu ciwe, Amacungwa yiwe aransosera.
Kand’ abazi izina ryawe bazokwizigira, Kuko wewe, Uhoraho, udahemukira abakurondera.
Arikw ineza y’Imana Umukiza wacu n’urukundo ikunda abantu, bimaze kuboneka,