Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




1 Petero 2:25 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

25 Kuko mwari muzimiye nk’intama, ariko noneho mugarutse ku Mwungere w’ubugingo bganyu, ari we nyene abujējwe.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

25 Kera mwari mumeze nk’intama zazimiye ariko ubu mwaragarutse ku mwungere w’ubugingo bwanyu.

Gade chapit la Kopi




1 Petero 2:25
24 Referans Kwoze  

Twese twazimiye nk’intama, twese twagiye isābagire, umuntu wese mu nzira yiwe; Uhoraho amuremēka ukugabitanya kwacu twese.


Intama zanje zayerereye ku misozi yose, no ku gasozi kose karekare; mber’ intama zanje zāsābagiriye mw isi yose; kandi nta warushe azirondera canke ngw azibariritse.


Mwirinde ubganyu, muzigame n’ubusho bgose Mpwemu Yera yabashizemwo, ngo mube abo kubuzēzwa, kugira ngo muragire ishengero ry’Imana, iryo yaguze amaraso yayo.


Azoragira umukuku wiwe nk’umwungere, azoterura imyagazi mu maboko, ayitware mu gikiriza, kand’ izonsa azoziyobora buhoro‐buhoro.


Narahuvye nk’intama izimiye: rondera umusavyi wawe, Kuko ntibagira amabgirizwa yawe.


Abonye ishengero, rimutera akagongwe, kuko bāri bagowe, basābagiye nk’intama zitagira umwungere.


Mugira ngw iki? Umuntu afise intama ijana, imwe yozimira, ntiyosiga zimwe mirongwicenda n’icenda, akagenda mu misozi kurondera iyazimiye?


Nuk’ Umwungere mukuru ni yerekanwa, muzokwambikwa mu mitwe igitsibo c’ubgiza kitazoshira.


Imana Nyen’ amahoro, imwe yakūra Umwami wacu Yesu mu bapfuye, ari we Mwungere mukuru w’intama, imukūjey’ amaraso y’isezerano ry’ibihe bidashira,


None rero, uku ni k’Uhoraho agize, ni we Mana y’Abisirayeli, ku vyo ageneye abungere baragira abantu biwe: ati Mwashwiragije umukuku wanje, murawirukana, ntimwawurāba; nuko rero nanje nzobāzira, mbazanekw ivyago bihwanye n’ ukugira nabi kwanyu, ni jewe Uhoraho mbivuze.


Nuko rero, bene Data bera, abasangiye ihamagarwa riva mw ijuru, ni mwitegereze Yesu, intumwa n’umuherezi mukuru w’ivyo twizeye tukavyatura,


Kand’ umusavyi wanje Dawidi azoba umwami wabo, bose bazogira umwungere umwe; kandi bazogendera mu vyagezwe vyanje, bitondere amabgirizwa yanje, bayashitse.


Ewe Mwungere w’Abisirayeli, tega ugutwi, Ni wewe urōngōra aba Yosefu nk’umukuku; Ewe uvyagira ku Bakerubi, kayangana.


Ikangure, wa nkota we, urwanye umwungere wanje, urwanye umuntu mugenzanje, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize; kubita umwungere, intama zisanzare; kandi n’imyagazi nzoyihindurirak’ ukuboko kwanje.


Maz’ umuntu wese azosubira mu b’i wabo, yiruka nk’ingeregere ihīgwa, canke nk’intama itagira ūyiragiye, umuntu wese ahungire mu gihugu c’i wabo.


Yamara yacumitiwe ivyacu bicumuro, yajanjaguriwe ivyacu bigabitanyo: igihano kituronkesha amahoro cabaye kuri we, kand’ imishishagu yiwe ni yo idukiza.


kand’ ashobora kwihanganira inyoberwa n’abazimiye, kuko na we nyene har’ ah’ agira intege nke.


ni zo z’abatumviye Imana kera, hamwe ukwihangana kwayo kwari kukirorereye mu misi ya Nowa, bga bgato bukibāzwa; muri bgo hārokokeye abantu bakeya, bashika umunani, bākirijwe mu mazi.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite