Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




1 Petero 2:24 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

24 Ubgiwe yikoreye ivyaha vyacu mu mubiri wiwe, abambge ku giti, kugira ngo dupfuye ku vyaha tubeho ku kugororoka; inguma ziwe ni zo zabakijije.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

24 Ku musaraba, Kristo ubwiwe yishizeko ivyaha vyacu, kugira ngo kamere muntu kacu ko gukunda icaha gapfe, tubeho dukunda gukora ivyo kugororoka. Mu bikomere vyiwe ni ho dukura gukira ingwara.

Gade chapit la Kopi




1 Petero 2:24
50 Referans Kwoze  

ngw ivyavuzwe n’uwavugishwa n’Imana Yesaya biboneke, ng’ Ubgiwe ni we yatwara ubumuga bgacu, akikorera n’indwara zacu.


Abe ari ko namwe mwiyumvira ko mwāpfuye ku caha, ariko ko muriho mur’ ab’ Imana, muri muri Kristo Yesu.


Hagati y’irango rya wa murwa, hakurya no hakuno y’urwo ruzi harih’ igiti c’ubugingo, cera icumi na kabiri mu mwaka, kikera rimwe‐rimwe uk’ ukwezi gutashe. Ibibabi vyaco vyar’ ivyo kuvūra amahanga.


Ko muzi yuk’ uwo ar’ umugororotsi, murazi yuk’ ūkora ivy’ ukugororoka wese yavyawe na we.


Mwaturanire ivyaha vyanyu, musengeranire, kugira ngo mukire indwara. Ugusaba kw’umugororotsi kugira ikimazi kuri vyinshi mu gikorwa cakwo.


na Kristo n’uko, yamaze gutangwa rimwe ngo yishirekw ivyaha vya benshi, azoboneka ubga kabiri, atazanywe n’ivyaha, abonekere gukiza abamwiteze.


Kristo yaducunguye umuvumo w’ivyagezwe, yacitse ikivume kubgacu; kuko handitswe ngw Azoba avumwe umuntu wese amanitswe ku giti:


Biragahera. Twebge twapfuye ku caha, twoba tukikibamwo dute?


Abonye ibiva mu bise vy’ubugingo bgiwe, bizomuhāza; umushumba wanje agororoka azotuma benshi baheshwa ukugororoka no kumumenya; kand’ azokwishirak’ ukugabitanya kwabo.


Kuko mwapfuye, kand’ ubugingo bganyu bukaba buhishanijwe na Kristo mu Mana.


Kandi ntimugahe icaha imibiri yanyu ngw ikoreshwe n’ukugabitanya; ariko mwishikanire Imana nk’abazuke bavuye mu bapfuye, n’imibiri yanyu muyihe Imana kugira ngw ikoreshwe no kugororoka.


Bukeye bg’aho abona Yesu aza kuri we, aravuga, ati Nguyu Umwagazi w’intama w’Imana ukūrah’ icaha c’abari mw isi.


Ariko noneho ntitukiganzwa n’ivyagezwe, kuko twapfuye ku camye kidufashe, ni co gituma tuba abagurano, dukorera Mpwemu adukoresha uburyo busha, tudakoreshwa bga buryo bga kera bg’inyuguti.


Bana bato, ntihakagire ūbazimiza: ūkora ibigororotse ni we agororoka, nk’uk’ uwo agororoka.


Akiza abafise imitima imenetse, Apfuka inguma zabo.


kuk’ uwapfuye aba atsindanishirijwe icaha.


Ntimuzi yuko shobuja mwihaye kuba abagurano bo kumwumvira, mur’ abagurano b’uwo mwumvira uwo? Namba mur’ abagurano b’icaha kizana urupfu, cank’ abo kwumvira Imana kuzana ukugororoka.


Nuko muve hagati ya ba bandi, Mubītandukanyeko, ni k’Uhoraho agize, Kandi ntimugakore ku kintu gihumanya na kimwe; Nanje nzobākira,


Imana ya ba sogokuruza yazuye Yesu, uwo mwebge mwishe mumumanitse ku giti.


ngo Mpwemu w’Uhoraho ari kuri jewe, Ni co catumye andobanuza amavuta kugira ngo mbgire aboro ubutumwa bgiza: Yantumye kumenyesha abarindwa ko barekuwe, N’impumyi ko zihumūka, No kubohora abanywagutse imitima,


Ariko ndababgira yuk’ ukugororoka kwanyu ni kutaruta ukw’ abanyabgenge b’ivyanditswe n’ukw’ Abafarisayo, mutazoruha mwinjira mu bgami bgo mw ijuru.


Ariko mweho abubaha izina ryanje izuba ry’ubugororotsi rizobarasira, rifise ugukiza mu mababa yaryo. Maze muzosohoka mukina amatavu nk’inyana zivuye mu ruhongore.


kandi muharurire ibirenge vyanyu inzira zigororotse, kugira ngw igihinyiza ntigikondoke, ariko gikire.


Bamaze gushitsa ivyo yandikiwe vyose, bamumanura ku giti, bamushira mu mva.


ariko mu mahanga yose ūyubaha, agakora ivy’ ukugororoka, iramwemera.


Vyari bitubereye kugira umuherezi mukuru ameze artyo, yera, atagira ubugunge, atanduye, yatandukanijwe n’abanyavyaha, yashizwe hejuru y’amajuru,


Asangwa mwarapfanye na Kristo, mukareka ivya mbere vy’isi, n’iki gituma mwemera kuganzwa na ya mabgirizwa, nk’abazokwama bari kw isi —


Ariko noneho, ko mwacunguwe ngo ntimuganzwe n’icaha, mukajakarira Imana, mufise imbuto zanyu zizana ukwezwa, kand’ amaherezo n’ubugingo budashira.


Natwe tur’ ivyabona vyo gushingira intahe ivyo yakoze vyose mu gihugu c’Abayuda, bo n’i Yerusalemu, umwe bishe, bamumanitse ku giti.


Maz’ abarekurira Baraba, ariko Yesu aramutonagura, amutanga ngw abambge.


Kukw ivyo nagabitanije bindengeye, Bimeze nk’umutwaro uremereye umvuna.


Iyo mpene igende yikoreye ibigabitanyo vyabo vyose, ibijane ahataba abantu; uwo muntu ayishiburire mu bugaragwa.


Kaze kabe mu ruhanga rwa Aroni, kandi Aroni az’ abe ari we arābgakw ibigabitanijwe mu vyera, ivyo Abisirayeli bazogenda batirimuka mu mashikanwa yabo yera bazotanga yose; kaze kame kaba mu ruhanga rwiwe na ntaryo, kugira ngo jewe Uhoraho mbone kwākīra amashikanwa yabo.


kukw imbuto y’umuco iboneka mu ngeso nziza zose no mu kugororoka no mu kuri.


Maze Pilato afata Yesu, aramukubitisha.


Kandi guhēra ubu, Abisirayeli ntibaze basubire kwēgēra iryo hema ry’ibonaniro, kugira ngo ntibīshirekw icaha kikabazanira gupfa.


Ni co gituma bakwiye kwitondera ibgirizwa ryanje, boye kwikwēgera icaha kubgaryo, rikabicisha, kuko bazoba bahumanije ivyejejwe: kukw ari jewe Uhoraho ndabeza.


mwuzuye imbuto zo kugororoka ziheshwa na Yesu Kristo, ngo muheshe Imana icubahiro n’ishimwe.


Pilato agomvye kumara ishavu ishengero, abarekurira Baraba, maz’ atanga Yesu ngw abambge, amaze kumutonagura.


Inkoni ziciye inguma zivūra ikibi, Bo n’imimyore inyengetereye imbere mu mutima.


Kuko nabanje kubashikiriza ico nanje nahawe, yuko Kristo yapfiriye ivyaha vyacu, nk’ukw ivyanditswe bivuga,


ihanaguye n’icete kitwagiriza, kirimw’ amabgirizwa cāduhama, igikūra hagati yacu na yo, ikibamba ku musaraba.


Ni co catumye, hamwe yaza mw isi, avuga, At’ Ibimazi n’amashikanwa ntiwabigomvye, Ariko wanteguriye umubiri.


Ukwo kugomba kwayo ni kwo kwatumye twezwa, tubiheshwa n’uk’ umubiri wa Yesu Kristo watanzwe rimwe gusa.


Aburahamu yābīra za nkwi zo kwosa ikimazi, azikorera Isaka umwana wiwe; na we yitwarira umuriro n’imbugita; nuko bompi barajana.


n’imasa y’ umukangara imwe, n’impfizi y’ intama imwe, n’isuguru y’intama imwe itarengeje umwaka, vyo kuba ikimazi co kwoswa;


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite