Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




1 Petero 2:23 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

23 yaratutswe, ntiyabasubiza; yarababajwe, ntiyabahigira; ariko yiha Īdaca urwa nkunzi.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

23 Abamututse ntiyabihora, canke ngo ahige kwihora abamuteje imibabaro. Ivyo yabirekeye Imana yoyo ica imanza ziroranye.

Gade chapit la Kopi




1 Petero 2:23
32 Referans Kwoze  

Yaracuranguzwa, yamar’ akarendeka, ntiyakūrak’ umunwa; nk’ umwagazi w’intama ujanwa mw ibāgiro, canke nk’ukw intama itekerereza imbere y’abayikemura, ni kw atākūyek’ umunwa.


Nuko rer’ abababazwa nk’ukw Imana igomba ni babītse ubugingo bgabo uwo Muremyi wo kwizigirwa, bakore ivyiza.


Nuko mushire imitima kur’ uyo yihanganiye ibihāri bihambaye birtyo abanyavyaha bāmuhāririje, ntimucobogore, ntimudendebukirwe mu mitima yanyu.


Ukorere Uhoraho urugendo rwawe rwose, Abe ari we wishimira, na we azobishitsa.


Kandi none, Mwami, rāba agahahirizo kabo, uhe abasavyi bawe kuvuga ijambo ryawe bashize amanga rwose:


Ibisigaye, mbīkiwe igitsibo c’ukugororoka, ico Umwami wacu, umucamanza agororotse, azompa kuri wa musi, kandi si jewe jenyene nzogihabga, ariko kandi n’abakunze kuzoseruka kwiwe bose bazogihabga.


Ni co gituma kandi mbabazwa ntya, yamara ntibintera isoni, kuko nzi uwo nizeye, kandi nzi ntakekeranya yukw ashobora kuzigama ikibītsanyo namubīkije gushitsa kuri wa musi.


Yesu amaze gusemerera n’ijwi rirenga, aravuga, ati Data, mu maboko yawe ni ho nshize ubugingo bganje. Ahejeje kuvuga artyo aracīkāna.


Mu kuboko kwawe ni ho nshize ubugingo bganje; Warancunguye Uhoraho, we Mana y’ukuri.


Warabibonye, kuk’ urāba ukugira nabi n’inzigo, kugira ng’ ubishire mu kuboko kwawe; Umurushwa yegamira wewe wenyene; Ni wewe mutabazi w’impfuvyi.


Mbona ijuru ryuguruye, kandi mbona ifarasi y’igitare, ūyivyagiyeko yitwa Mwizigirwa, irindi ni Munyakuri. Aca amateka akarwana intambara mu bugororotsi.


ntimugere ikibi ku kindi, cank’ igitutsi ku kindi; ariko mubigerāne n’umuhezagiro, kukw ico ari co mwahamagariwe, kugira ngo namwe muragwe umugisha.


Ico n’ikimenyetso co guca amateka kw’ Imana kugororotse, ngo muze mwemererwe gushika mu bgami bg’Imana, ubgo namwe mubabarizwa.


Namwe ba shebuja, mubagirire murtyo nyene, mwirinde kubakangisha, kuko muzi yuko Shobuja musangiye ari mw ijuru, kandi ntarobanura abantu ku butoni.


Ariko kuk’ ufise umutima ukomantaye utihana, wirindiriza uburake buzoba ku musi wo kuraka, ah’ amateka abereye y’Imana azohishurirwa,


kuko yashinze umusi wo gucirakw isi yose amateka y’ukuri, izoyacisha umuntu yatoranije, kandi yahaye bose ikimenyamenya c’ivyo, mu kumuzura imukūye mu bapfuye.


Ariko Sauli, akigenda afuhagira, afitiye abigishwa b’Umwami imihigo n’ubgicanyi, aja ku muherezi mukuru,


Amubaza amajambo menshi, ntiyamwishura na rimwe.


Imbere y’Uhoraho, kukw agira aze, Agira aze gucira abari mw isi imanza, Azocira abari mw isi imanza zibereye, N’amahanga nk’ukw ar’ umwizigirwa.


Imana n’umucamanza agororoka, Mbere n’Imana ishavura imisi yose.


Icompa bikaba kure yawe, gukora ikintu nk’ico, kwicana abagororotsi n’abanyavyaha, abagororotsi n’abanyavyaha bakaringanira: icompa bikaba kure yawe! Non’ Umucamanza w’isi yose ntiyokora ibigororotse?


Maze bakiriko baratera Stefano amabuye, arambaza, aravuga, ati Mwami Yesu, akīra ubugingo bganje.


Tweho turishuye, kuko tugiriwe ibihwanye n’ivyo twākoze: arik’ uyu nta kibi yakoze.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite