22 We nta caha yakoze, kandi nta bugunge bgabonetse mu kanwa kiwe;
22 “Ntiyigeze acumura na rimwe, kandi ntiyigeze abesha umuntu n’umwe.”
Bāgeze kw ahambga hamwe n’abanyavyaha, asangira imva n’umutunzi mu gupfa kwiwe; nah’ ata kibi yakoze, kand’ ata guhemana kwari mu kanwa kiwe.
Kuk’ umuherezi mukuru dufise, atar’ ūdashobora kubabarana natwe mu ntege nke zacu, ariko n’uwageragejwe uburyo bgose nkatwe, yamara we nta caha yakoze.
Umwe atigeze kumenya icaha, Imana yamuhinduye icaha kubgacu, kugira ngo muri we duhinduke ukugororoka kw’Imana.
Kandi murazi yuk’ uwo yahishuwe kugira ngw akūreh’ ivyaha, kand’ ata caha kiri muri we.
Kandi mu kanwa kabo ntihābonetsemw’ ikinyoma: nta gasembga bagira.
Bana banje bato, mbandikiye ivyo kugira ngo ntimukore icaha. Kandi ni hagira umuntu akora icaha, dufise Umwitsa kuri Data wa twese, ni Yesu Kristo umugororotsi,
na Kristo n’uko, yamaze gutangwa rimwe ngo yishirekw ivyaha vya benshi, azoboneka ubga kabiri, atazanywe n’ivyaha, abonekere gukiza abamwiteze.
Tweho turishuye, kuko tugiriwe ibihwanye n’ivyo twākoze: arik’ uyu nta kibi yakoze.
Ni nde muri mwebge yonyagiriza icaha nakoze? Ko mvuga ukuri, n’iki gituma mutanyemera?
Yesu abona Natanayeli aza kuri we, amuvugako, at’ Ehe Umwisirayeli vy’ukuri, atarimw’ ubugunge.
Umugabisha w’abasoda ijana abonye ibibaye, ahimbaza Imana, ati N’ukuri uyu muntu yar’ umugororotsi.
Acicaye ku ntebe y’imanza umugore wiwe amutumako, ati Ntihagire ico ugira uwo mugororotsi; kuko narāye ndose mbona mbabazwa vyinshi kubgiwe.
ati Nācumuye, naguze amaraso y’ūtagira icaha. Na bo baramwishura, bati Bidutwaye iki? N’ivyawe.
Uz’ ubuze ururimi rwawe, rwoye kuvuga ikibi, N’iminwa yawe yoye kuvuga ivy’ uguhendana.