Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




1 Petero 2:20 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

20 Mwokwihanganira gukubitwa ibipfunsi muhōwe icaha, mwokwihaya iki? Ariko mwokwihanganira kubabazwa muhōwe gukora neza, ivyo ni vyo bishimwa ku Mana.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

20 Kuko nimba mwihanganiye guhanwa muhorwa gucumura, n’irihe teka ivyo vyobatera? Ariko nimba mubabazwa muhorwa kuba mwakoze ivyiza hanyuma mukihanganira iyo mibabaro, Imana irabanezererwa.

Gade chapit la Kopi




1 Petero 2:20
14 Referans Kwoze  

Kukw igishimwa ar’ uk’ umuntu, namb’ ahanūwe n’ijwi ryo mu mutima gukora ivy’ Imana igomba, yokwihanganira imibabaro ahōwe ubusa.


Ivyoba vyiza n’uko mwobabazwa muhōwe gukora ivyiza, ari co Imana igomvye, hako muhōrwa gukora ibibi.


Yamara naho mwobabazwa muhōwe ukugororoka, mwoba muhiriwe. Ntimuze mutinye ivyo babakangisha, ntimuhagarike imitima,


Kandi ni mwakunda ababakunda, muzoshimwa iki? Kukw abanyavyaha na bo bagira bartyo.


Ni mwaramukanya n’incuti zanyu gusa, abandi muzoba mubarusha iki? Abanyamahanga bo si ko bagira?


Gushitsa n’ubu twishwe n’inzara n’inyota, twambaye ubusa, dukubitwa ibipfunsi, tubura uburagamo,


Bamwe batangura kumuvuma amate, bamupfuka mu maso, bamukubita ibipfunsi, bati N’udupfīndūre. Abagendanyi bamushikizakw inshi.


Buno bamuvuma amate mu maso, bamukubita ibipfunsi, abandi baramubīngūra,


Ariko mfise ibinkwiye vyose, mfise umurengera: ndahāze, kuko mpāwe na Epafurodito ivyo mwarungitse, ar’ umubabge umota neza, ikimazi cemewe gihimbara Imana.


Mumenye neza ibihimbara Umwami wacu,


Mugabo, ni vyiza kugirira ivyiza ishaka ibihe vyose, atar’ igihe turi kumwe gusa,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite