Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




1 Petero 2:19 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

19 Kukw igishimwa ar’ uk’ umuntu, namb’ ahanūwe n’ijwi ryo mu mutima gukora ivy’ Imana igomba, yokwihanganira imibabaro ahōwe ubusa.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

19 Kuko Imana inezerezwa no kubona mukora ibigororotse kandi mwihanganira imibabaro iyo murenganywa muzira kuyubaha.

Gade chapit la Kopi




1 Petero 2:19
18 Referans Kwoze  

Mwokwihanganira gukubitwa ibipfunsi muhōwe icaha, mwokwihaya iki? Ariko mwokwihanganira kubabazwa muhōwe gukora neza, ivyo ni vyo bishimwa ku Mana.


Arik’ ubuntu bg’Imana ni bgo bgatumye mba uko ndi, kand’ ubuntu bgayo nagiriwe ntibgabaye ubg’ ubusa, ariko natamye kurusha bose; ariko si jewe yamara n’ubuntu bg’Imana bgari kumwe nanje.


Kandi ni mwakunda ababakunda, muzoshimwa iki? Kukw abanyavyaha na bo bagira bartyo.


Ni co gituma ukwiye kugamburuka, atari kubgo kurakirwa gusa, ariko no kubg’ ijwi ryo mu mutima.


Arikw ivyo vyose bazobibagirira babahōra izina ryanje, kuko batazi uwantumye.


Ni co gituma kandi mbabazwa ntya, yamara ntibintera isoni, kuko nzi uwo nizeye, kandi nzi ntakekeranya yukw ashobora kuzigama ikibītsanyo namubīkije gushitsa kuri wa musi.


Bene Data, turabamenyesha ubuntu bg’Imana amashengero y’i Makedoniya yagiriwe.


Kuk’ ukwirata kwacu ar’ uku, kand’ ijwi ryo mu mitima yacu rirabishingira intahe: ingeso twagirira mw isi, kandi cane‐cane muri mwebge, zar’ ukwera, n’imitima itagira ubugunge iva ku Mana, atari mu bgenge bg’abantu, ariko mu buntu bg’Imana.


Amabgirizwa yawe yose n’ay’ ukwizigirwa: Bampamisha ibinyoma; n’ untabare.


Abanyankira ubusa baruta umushatsi wo ku mutwe wanje mu bginshi: Abagomba kundandura, banyankishwa n’inyanduruko z’ibinyoma, barahambaye: Ni ho narihishijwe ico ntatwaye.


Arikw abansi banje banyankira ubusa barakomeye, Abanyankishwa n’inyanduruko z’ibinyoma baragwiriye.


Abanyankishwa n’inyanduruko z’ibinyoma boye kunyitamba hejuru, Abanyankira ubusa boye kumvunanira akagohe.


Erega ndazi ivyiyumviro vyanyu, N’imigabo mibi mungīra.


Na we amaze gushikayo, abonye ubuntu bg’Imana, biramunezereza, arabahanūra bose ngo bamaramaze mu mitima kwifatanya akaramata n’Umwami Yesu.


Iyo bibishobora, mbega ntibaba barasizeho kubitanga? Kukw abavyitangirira bamaze guhumanurwa rwose rimwe, bataba bakigira imitima irimw’ ijwi ribāgiriza ivyaha.


Ntihakagire umuntu wo muri mwebge ahōrwa kuba umwicanyi canke kuba igisuma canke kuba inkozi y’ikibi canke kwita mu vyo atagezwemwo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite