Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




1 Petero 2:16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 ngo mube nk’abidegemvya, arikw atar’ ukugira umwidegemvyo wanyu igitwikirizo c’inzigo, ariko mube nk’abagurano b’Imana.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

16 Mubeho mu mwidegemvyo, ariko uwo mwidegemvyo wanyu ntube uwo guhisha ububi; ahubwo mubeho nk’abeguriwe Imana.

Gade chapit la Kopi




1 Petero 2:16
15 Referans Kwoze  

Bene Data, mwahamagariwe umwidegemvyo; mugabo rero, uwo mwidegemvyo ntimuwugire urwitwazo rw’akameremere kanyu, arik’ urukundo rubatere gukorerana.


Ariko noneho, ko mwacunguwe ngo ntimuganzwe n’icaha, mukajakarira Imana, mufise imbuto zanyu zizana ukwezwa, kand’ amaherezo n’ubugingo budashira.


Uwahamagawe n’Umwami wacu ar’ umugurano, aba acitse uwidegemvya acunguwe n’Umwami. Ni ko, uwahamagawe n’Umwami ar’ uwidegemvya, aba acitse umugurano wa Kristo.


kandi mwacunguwe ngo ntimuganzwe n’icaha, mujakarira ukugororoka.


Kristo yatugobotoye ngo tube mu mwidegemvyo: nuko muhagarare mushikamye, ntimukongere kuzīngīrwa n’ugutwazwa ituntu n’ubuja.


Ariko, uwitegereza ivyagezwe bitunganye rwose, ari vyo vy’umwidegemvyo, akabishishikara, atar’ uwumva akavyibagira, arikw ar’ ūbikora, ni we azohabga umugisha mu vy’ akora.


Muvuge kandi mukore nk’abagira bacirwe urubanza n’ivyagezwe bizana umwidegemvyo.


Ntimubakorere bakibahagarikiye, nk’abanezereza abantu, ariko mubakorere nk’abagurano ba Kristo, mukora ivy’ Imana igomba bivuye ku mutima.


Babasezeranira umwidegemvyo, arik’ ubgabo n’abagurano b’ibiboza: kukw icānesheje umuntu kiba kimuhinduye umugurano waco.


muzi yuko muzohabga impēra na Shobuja mukuru, ni yo wa mwandu. Shobuja uwo Kristo ni we mukorera.


Muzobona ibara, mwebge abanyabgenge b’ivyanditswe n’Abafarisayo, mwa ndyarya mwe, kuko mwugarirana ubgami bgo mw ijuru imbere y’abantu: kandi ntimubginjiramw’ ubganyu, n’abagomba kubginjiramwo ntimubakundira. [


Kuko hariho bamwe bābājemwo binyegeteza, bandikiwe kera gucirwakw iryo teka, batubaha Imana, bahindura ubuntu bg’Imana yacu isoni nke, bakīhakana Yesu Kristo, ni we wenyene Databuja n’Umwami wacu.


Kukw ata na rimwe twigeze kuvuga ijambo dushashe akarimi, murabizi, cank’ ijambo ryo guhisha ukwifuza, Imana ni yo cabona c’ivyo.


Iyo ntaba naraje ngo ngire ico mbabarira, nta caha baba bafise, ariko none ntibari n’ico bireguza icaha cabo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite