Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




1 Petero 2:15 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

15 Kukw ivy’ Imana igomba ar’ uk’ ugukora neza kwanyu kuba agahomerabunwa ku bantu b’imburabgenge batagira ico bazi:

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

15 Kuko ico Imana igomba n’uko mukora ivyiza, bigatuma abatubaha Imana babura ico babavuga.

Gade chapit la Kopi




1 Petero 2:15
23 Referans Kwoze  

Ivyoba vyiza n’uko mwobabazwa muhōwe gukora ivyiza, ari co Imana igomvye, hako muhōrwa gukora ibibi.


ugire n’ijambo rizima ritogawa, kugira ng’ umuntu ari mu ruhande rw’abansi amāramāre, abuze ikibi yotuvuga.


mugire ingeso nziza mu mahanga, kugira ngo, no ku vyo babavuga nabi nk’inkozi z’ibibi, ibikorwa vyanyu vyiza babona bize bitume bahimbaza Imana ku musi ibagendeye.


Arik’ uwumva ayo majambo yanje wese, ntayakore, asa n’umuntu w’imburabgenge, yubatse inzu yiwe ku musenyi.


mwame mukenguruka muri vyose, kukw ico ari co Imana ibagombako muri Kristo Yesu.


Ico Imana igomba, n’ukwezwa kwanyu, ko mwirinda ubushakanyi;


Ereg’ abantu banje n’ibipfu, ntibanzi; n’abana b’ibijuju, nta bgenge bagira: bagira ubgenge bgo gukora ibibi, ariko mu vyo gukora ivyiza nta co bazi.


Arikw abo bantu bameze nk’ibikōko bitagira ubgenge, ibikōko bukōko, vyavukiye gutegwa no kwicwa, batuka ivyo batazi, guhonnya kwabo kuzobahonnya na bo,


kuko bāmenye Imana ntibayubahe nk’Imana, ntibayishime; ariko bācitse abiyumvira ivy’ ubusa, imitima yabo y’imburabgenge icura umwiza.


Muve mu bupfu, mubone kubaho; Mugendere mu nzira yo kumenya ubgenge.


Arikw aramwishura, at’ Uvuze nk’umwe wo mu bagore b’ibipfapfa. Mbega none twohabga ivyiza bisa mu biganza vy’Imana, tukanka kwākīra n’ibibi na vyo? Mur’ ivyo vyose Yobu ntiyakoresheje icaha akanwa kiwe.


Arikw abo bantu batuka ivyo batazi: kandi n’ivyo bamenyeshwa n’akameremere kabo, nk’ukw ibikōko bimeze bitagira ubgenge, na vyo nyene baravyiyonōnesha.


kugira ngw amare imisi isigaye akiri mu mubiri atagikorera ivyifuzo vy’abantu, arikw akora ivy’ Imana igomba.


naho nabanje kumurogotako no kumuhīga no kumwambika ibara. Ariko naragiriwe ikigongwe kuko nabikoze ntabizi ntarizera;


Abagororotsi bazobibona banezerwe, Ubugāba bgose bgizibe akanwa.


Kuko natwe nyene kera twar’ ibipfu, tur’ intabarirwa, tuzimizwa, tujakariye ukwifuza n’ukwinezereza vy’uburyo bginshi, twama tugira urwanko n’igono, tur’ abo kwankwa natwe twankana.


Yemwe Bagalatiya b’ibijuju, ni nde yabaroze, kand’ ari mwebge mweretswe Yesu Kristo abambge, mu maso yanyu?


Batanu muri bo bār’ ibijuju, bandi batanu bār’ abanyabgenge.


Abībona ntibazohagarara mu nyonga zawe: Wanka inkozi z’ibibi zose.


Uko ni k’umworo agira ivyizigiro, Abagabitanya bakazibga akanwa.


Mbeg’ iyo ni yo ngero mushubije Uhoraho, Mwa bantu b’ibipfu b’imburabgenge? Si we Muvyeyi wanyu yabaremye, Akababumba, akabakomeza?


mufise imitima itarimw’ ijwi ribāgiriza ikibi, kugira ngo no ku vyo muvugwa nabi, abatuka ingeso zanyu nziza zo muri Kristo bamāramāre.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite