Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




1 Petero 2:11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Abo nkunda, ndabinginga, ko mur’ inyambukīra n’ingenzi mwirinde ivyifuzo vy’umubiri birwanya ubugingo;

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

11 Bakundwa, ndabahanura, ko muri abashitsi n’ingenzi mw’isi, mwirinde ivyipfuzo vy’umubiri vyama bigwanya imishaha yanyu.

Gade chapit la Kopi




1 Petero 2:11
35 Referans Kwoze  

Kand’ aba Kristo Yesu bābambanye akameremere kabo n’ivyo gahahamiye n’ivyo kifuza.


kugira ngw amare imisi isigaye akiri mu mubiri atagikorera ivyifuzo vy’abantu, arikw akora ivy’ Imana igomba.


Abo bose bāpfuye bacizeye, batarahabga ivyasezeranywe, ariko bārabibona biri kure bakabisāsirira, bakemera kw ar’ akavantara n’ingenzi kw isi.


Kuko namba mwitondera ivy’ akameremere kanyu, ntimuzobura gupfa: ariko ni mwica ivy’ umubiri ukora, muvyicisha impwemu, muzobaho.


Kukw imbere yawe tur’ akavantara n’abātsi b’indaro, nk’uko ba sogokuruza bose bāri bameze; imisi yacu tumara kw isi ihwanye n’igitūtu, kandi nta vyizigiro dufise.


Muri mwebge intambara ziva hehe, n’imitongano iva hehe? Mbega ntibiva mu bibahimbara birwanira mu ngingo zanyu?


Ariko kwifuza kw’ubusore uguhunge, maz’ ukurikire ukugororoka n’ukwizera n’urukundo n’amahoro, ufatanya n’abambaza Umwami wacu n’imitima itanduye.


Nuko bakundwa, ko dufise ivyo vyasezeranywe, twiyuhagire ubuhumane bgose bg’umubiri n’ubg’ umutima, kuba abera tugushikishe kwubaha Imana.


Nuko bene Data, ndabahanūra kubg’ imbabazi z’Imana, ngo mutange imibiri yanyu ibe ibimazi bizima vyera, bihimbara Imana, ni kwo kuyikorera kwanyu kwogira ikimazi.


Ni co gitumye mbinginga, jewe imbohe y’Umwami wacu, ngo mugende uko bibereye ihamagarwa mwahamagawe,


ariko mbona ikindi kingera kiri mu mubiri wanje kirwanya ikingera co mu mutima wanje, kikamfatira mpiri kuganzwa n’ikingera kiri mu mubiri wanje, ikingera c’icaha.


mureke kurya ivyaterekerejwe ibigirwamana, n’amaraso, n’ibinizwe, mureke no gusambana; ivyo ni mwavyirinda, muzomera neza. Nuko muganūke.


Ariko mwirinde, kugira ngw imitima yanyu ntīremērwe no kudandahirwa no kuborerwa n’umwitwaririko w’ivy’ ubu bugingo, ng’uwo musi ntubazeko giturumbuka, nk’umutego:


Nd’ inyambukīra mw isi: Ntumpishe amabgirizwa yawe.


Umva gusenga kwanje, Uhoraho we, tegera ugutwi ugutakamba kwanje; Ntiwicire amatwi amarira yanje. Kuko nd’ umushitsi kuri wewe, N’inyambukīra nk’uko ba sogokuruza bose bāri bameze.


Amatongo ntaz’ agurwe herandaheze, kukw igihugu ar’ icanje, namwe kuri jewe mukaba akavantara n’ abatsi b’indāro.


Kandi kw Iyo mwambaza muyita So ari yo icira umuntu wese urubanza rukwiranye n’ivyo yakoze itarobanuye ku cubahiro, mumare igihe co kuba inyambukīra mutinya.


Kandi ko dukorana na yo, turabinginga, ntimuhērwe ubuntu bg’Imana gupfa ubusa:


Ni co gituma tur’ intumwa mu gishingo ca Kristo, Imana isa n’ībingingira muri twebge. Turabinginga mu gishingo ca Kristo, mwuzure n’Imana.


ariko tubandikire ngo bareke ibihumanya vy’ibigirwamana, no gusambana, no kurya ibinizwe, bo n’amaraso.


Yakobo yishura Farawo, at’ Imyaka y’ukuyerera kwanje kw isi n’ijana na mirongwitatu: iyo myaka mbayeho ibaye mike kandi mibi, ntingana n’imyaka ba sogokuruza bamaze, mu misi y’ukuzenzagira kwabo.


Petero, intumwa ya Yesu Kristo, ndabandikiye abātoranijwe b’inyambukīra zo mu bāsanzariye i Ponto n’i Galatiya n’i Kapadokiya no muri Asiya n’i Bituniya,


Ivyo washinze vyambereye indirimbo Mu nzu y’uburāro bganje.


ati Jewe ko nd’akavantara n’inyambukīra muri mwebge; none ni mumpe i wanyu aho nokwīzīzira ho guhamba, kugira ngo mpambe umuntu wanje amve mu maso.


Nuko ntimukir’ abashitsi n’akavantara, ariko musangiye ubgoko n’abera, mur’ abo mu ngoro y’Imana;


Ariko, abo nkunda, naho tuvuze durtyo, turazi ivyanyu tudakekeranya yuko birusha ivyo kuba vyiza, kandi bizanana n’agakiza.


Abo nkunda, umuriro uri hagati yanyu wo kubagerageza ntukabatangaze, nk’aho mubonye akatābonetse.


Abo nkunda, non’ iki ni co cete ca kabiri mbandikiye, mur’ ivyo vyompi ndakangura imitima yanyu ikeye, mbibutsa;


Aburahamu amara imisi myinshi ar’ inyambukīra mu gihugu c’i Bufilisitiya.


Kand’ uwo mugabo ni yaramuka aryamanye n’umugore, bompi biyuhagire, bakomeze kuba abahumanye gushitsa ku mugoroba.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite