Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




1 Petero 2:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Nuko rero mwiyambure inzigo yose n’ubugunge bgose n’uburyarya n’ishari no kuvuga abandi nabi kwose,

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Mwiyambure rero ingeso mbi zose. Muve mu bubeshi, uburyarya, ishari, hamwe n’amajambo mabi yose.

Gade chapit la Kopi




1 Petero 2:1
50 Referans Kwoze  

Umururazi wose no kujingitwa n’uburake no gutongana no gutukana bibavemwo, hamwe n’inzigo yose.


Nuko rero, mwiyambure imyanda yose n’ububi busigaye, mwākīrane ubugwaneza ijambo ritewe muri mwebge, rishobora gukiza ubugingo bganyu.


Bene Data, ntimuvuganane nabi. Ūvuga nabi mwene Se, cank’ ūhinyurira mwene Se ku mutima, aba avuze nabi ivyagezwe, ni vyo aba ahinyuye. Arikw iy’ uhinyura ivyagezwe, ntuba uvyitondera, uba ubaye umucamanza wavyo.


Kuko handitswe, ng’ Ūgomba gukunda ubugingo, No kubona imisi myiza, N’abuze ururimi rwiwe, rwoye kuvuga ikibi, N’iminwa yiwe yoye kuvuga ivy’ uguhendana:


Birabatangaza yuko mudafatanya na bo kwirukira mu birenze urugero vy’ubuhumbu, bakabarementaniriza;


kugira ngw amare imisi isigaye akiri mu mubiri atagikorera ivyifuzo vy’abantu, arikw akora ivy’ Imana igomba.


Ntimwidodomberanire, bene Data, kugira ngo ntimucirwekw iteka: eh’ Umucamanza ahagaze ku rugi.


Nuko natwe, ko dukikijwe n’igipfungu c’ivyabona kingana girtyo, twiyambure ibituremēra vyose, n’icaha gikunda kutwizingirako vuba, dusiganirwe ivyo twashizwe imbere twihanganye,


N’abagore nyene babe inyankamugayo, batarementaniriza abandi, batarenza urugero, bizigirwa muri vyose.


Uz’ ubuze ururimi rwawe, rwoye kuvuga ikibi, N’iminwa yawe yoye kuvuga ivy’ uguhendana.


We nta caha yakoze, kandi nta bugunge bgabonetse mu kanwa kiwe;


N’abatāmakazi nyene, ubabgire bagende nk’uko bibereye abera, batarementaniriza abandi, batanohorwa imitima na vino nyinshi, bigisha ivyiza,


Hahirwa umuntu Uhoraho adaharūrak’ ukugabitanya, Umutima wiwe ntubemw’ ubugunge.


Bene Data, ntimube abana mu bgenge, ariko mube ibitazi mu bibi; ariko mu bgenge mube abagabo.


buzuye ukugabitanya kwose, no kugira nabi, no kwifuza, n’urwanko rw’ubusa: buzuye n’igono, n’ubgicanyi, no gutongana, n’ubugunge, no kwitamba ku muvyimba; n’abaneguranira mu vyongorerano,


Woshobora ute kubgira mugenzawe, uti Zana mugenzi ngutosore akabango kari mu jisho ryawe; nawe ubgawe nturābe inkingi iri mu jisho ryawe? Wa ndyarya we, banza witosore inkingi iri mu jisho ryawe, uheze ubone neza gutosora akabango kari mu jisho rya mugenzawe.


Namwe ni ko muri: inyuma mubonekera abantu mur’ abagororotsi, arikw imbere mwuzuye uburyarya n’ubugarariji.


Wa ndyarya we, banza witosore inkingi iri mu jisho ryawe, uheze ubone neza gutosora akabango kari mu jisho rya mugenzawe.


Ntugahagarikwe umutima n’ inkozi z’ibibi, Kandi ntukagirire ishari abakora ivy’ ukugabitanya.


Kuko binteye akōba yuko, aho nzozira, kumbure nzosanga mumeze uko ntagomba, nanje muzosanga mmeze uko mutagomba; kandi yuko kumbure hazoba imitongano, n’ishari, n’uburake, n’ikēba, n’ukuvuga abandi nabi, n’insaku, n’ukwihimbariza ubusa, n’imivurungano;


Ntukagirire ishari abanyakibi, Kandi ntukifuze kubana na bo:


Ntukagirire ishari umuntu w’ikirara, Ntugatore inzira yiwe n’imwe.


Kandi mu kanwa kabo ntihābonetsemw’ ikinyoma: nta gasembga bagira.


ngo mube nk’abidegemvya, arikw atar’ ukugira umwidegemvyo wanyu igitwikirizo c’inzigo, ariko mube nk’abagurano b’Imana.


Canke mwiyumvira yukw ivyanditswe bivugira ubusa, ng’ Uwo Mpwemu yagererewe muri twebge atwikundiriza afuha?


Ariko namba mugira ishari ry’inkazi mu mitima yanyu, mugakunda kwirema ibice, mwoye kwirata, mubesha, mucumura ku kuri.


Kuk’ uguhanūra kwacu kutava mu buzimire, canke mu buhumane, kand’ atar’ ukw’ ubugunge:


Nuko tuziririze imisi mikuru, tudafise umwambiro wa kera, cank’ umwambiro w’urwanko n’ikibi, ariko tugire imitsima itambiwe y’imitima ikeye n’ukuri.


Yesu abona Natanayeli aza kuri we, amuvugako, at’ Ehe Umwisirayeli vy’ukuri, atarimw’ ubugunge.


Muzobona ibara, kuko musa n’imva zitamenyekana, abantu bakazicako batabizi.


Kandi muzotitura ifeza yometse ku bishushanyo vyanyu vy’ibibāzano, n’izahabu yometse ku bishushanyo vyanyu vyavugutiwe mu nkero; muzobishibura rwose nk’ikintu gihumanye, mubibarire, muti Vaho, mugende!


Ntugashavuzwe n’ivy’ inkozi z’ibibi, Kandi ntukagirire ishari abanyakibi:


Umutima utekereje ni bgo bugingo bg’umubiri, Arikw ishari ni nk’ikimungu co mu magufa.


Kand’ abatubaha Imana mu mitima yabo bāmana umwikomo: Iyo ibaboshe ntibaruha bayitakambira.


Mur’ ico gihe, ishengero ry’abantu ibihumbi vyinshi rikoranira kuri we, bakandagirana, ahēra ku bigishwa biwe, arababarira, ati Mwirinde umwambiro w’Abafarisayo, ni wo buryarya.


Turitange, canke dusigeho? Maz’ amenye uburyarya bgabo arababaza, ati Mungereza iki? Ni munzanire idenariyo, ndayirābe.


azomucamwo kubiri, amusangize umugabane wiwe n’indyarya: ni ho hazoba amarira no kuryanya insya z’amenyo.


Mwa ndyarya mwe, Yesaya yavuze neza ivyo yavugishwa n’Imana kuri mwebge,


Kur’ uwo musi umuntu azoshibura ibigirwamana vyiwe vy’ifeza, n’ibigirwamana vyiwe vy’izahabu, ivyo bamucuriye ngw abisenge, abishiburire amafuku n’ubuhungarema;


Kuko nagirira ishari abībone, Aho nabona abanyakibi baguwe neza.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite