Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




1 Petero 1:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Ivyo murabinezererwa cane, nah’ ubu ar’ igihe gito mubabazwa n’ibibagerageza vyinshi, kuko bitobura kuza:

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

6 Ni co gituma mukwiye kunezerwa, kuko naho ubu mutegerezwa kwihanganira imibabaro y’uburyo bwinshi ariko y’akanya gato, mu nyuma hari umunezero mwinshi.

Gade chapit la Kopi




1 Petero 1:6
47 Referans Kwoze  

Mwiyumvire kw ar’ ivyo kunezererwa rwose, bene Data, ni mwagwa mu bibagerageza bitari bimwe,


Kand’ Imana igira ubuntu bgose, yabahamagariye ubgiza bgayo budashira muri muri Kristo, ni mwaheza kubabazwa akanya gato, izobahīngūra rwose ubgayo, izobaremesha, ibahe inkomezi.


Munezererwe kwizigira ibizoba; mwihanganire amagorwa; mushishikare gusenga;


yadushikanishije ukwizera mur’ ubu buntu duhagazemwo, kandi tunezerezwa no kwizigira kuzobona ubgiza bg’Imana.


Munezerwe, muhimbarwe, kukw impēra zanyu ari nyinshi mw ijuru: kukw ari ko bāhama abāvugishwa n’Imana ba mbere.


ngo nshirireh’ abagandaye i Siyoni igitsibo mu gishingo c’umunyota, ndabahe n’amavuta y’akaneza mu gishingo c’ukugandara, n’umwambaro wo guhimbaza mu gishingo c’umutima uhondobereye; kugira ngo baze bitwe ibiti vy’ukugororoka, imyeloni yatewe n’ Uhoraho, ngo bimutere icubahiro.


Ivyo mbibabgiye, kugira ngo mugire amahoro muri jewe. Mw isi muri n’amarushwa, ariko ni muhūmure, jewe naranesheje isi.


Ni ko namwe muri mu mubabaro, ariko nzosubira kubabona, kand’ imitima yanyu izonezerwa, umunezero wanyu nta n’umwe azowubanyaga.


Amarushwa y’umugororotsi ni menshi, Arik’ Uhoraho ayamukiza yose.


Umutima wanje ushongeshejwe n’umubabaro: Ndemesha, nk’ukw ijambo ryawe ryavuze.


Ni muze kuri jewe mwese abananiwe n’abaremerewe, ndabaruhura;


Kandi si vyo vyonyene, arikw ikindi, tunezererwa Imana kubg’ Umwami wacu Yesu Kristo, yaduhesheje kwuzura na yo.


baremesha imitima y’abigishwa, babahanūra ngo bagume mu kwizera: kandi yuko dukwiye guca mu marushwa menshi mu kwinjira mu bgami bg’Imana.


Ariko ntimunezerezwe n’ukw izo mpwemu zibumvira, yamara munezerezwe n’ukw amazina yanyu yanditswe mw ijuru.


Arik’ umuhero wa vyose uri hafi: nuko ntimuhugumbe, mwirinde, kugira ngo mubone uko mushishikara gusenga.


Ni muze, turirimbire Uhoraho: Tuvugirize impundu igitandara c’agakiza kacu.


Mubabare, muboroge, murire; ibitwengo vyanyu bihinduke amaborogo, umunezero uhinduke umubabaro.


Kukw amarushwa yacu ahwahutse y’akanya ka none yiyongeranije cane kudushikiriza ubgiza buremereye bg’ibihe bidashira.


Ariko, mwene Data w’umufafara ni yirate kw ashizwe hejuru,


Maze Hana arasenga, at’ Umutima wanje uvugiriza Uhoraho impundu, Ihembe ryanje rivyuwe n’ Uhoraho; Akanwa kanje kāsamiye abansi banje, Kuko nnejerejwe n’agakiza kiwe.


Kuko tweho tur’ abākebge, dusenga Imana mu buryo bga Mpwemu, tukirata Kristo Yesu, ntitwishimire ivy’ umubiri;


tuboneka nk’abababara, ariko tunezerwa imisi yose; tuboneka nk’aboro, ariko dutungisha benshi; tuboneka nk’abatagira ico batunze, yamara dutunze vyose.


Namwe mwaratwīgānye, mwīgāna n’Umwami wacu, mumaze kwakīrira ijambo ry’Imana mu marushwa menshi, munezerejwe na Mpwemu Yera,


Mwame munezererwa mu Mwami wacu imisi yose; ndabivuze ubugira kabiri: ni munezerwe.


Arikw ivyo Mpwemu yama n’urukundo, umunezero, amahoro, ukwihangana, kugira neza, ingeso nziza, kuba umwizigirwa,


yuko mfise intuntu nyinshi n’umubabaro udahengeshanya mu mutima.


Uhoraho, ndazi yukw imanza zawe ar’ izigororotse, Kandi yuko kuba umunyakuri ari kwo kwaguteye kumbabaza.


Ibitutsi vyammenaguye umutima, ndaremerewe cane: Nareretse ko har’ uwongirira akagongwe, nta wabonetse; N’uko har’ abonyirura, ndabura.


Amagufa yanje yose azovuga, at’ Uhoraho, ni nde ahwanye nawe? Kuk’ ukiza umugorwa abamurusha inkomezi, Ugakiza umugorwa n’umukene ababambura.


Kugira ngo nerekanire ishimwe ryawe ryose Mu marembo y’umukobga w’i Siyoni; Kandi nzonezererwa agakiza kawe.


kukw abagirira igishika mwese, akarandurwa umutima n’uko mwumvise yuko yar’ arwaye.


Umumarayika arababgira, ati Nta co mutinya, umve ndababarira ubutumwa bgiza bg’akanyamuneza kenshi kazoba ku bgoko bganyu bgose.


Umutima wanje unezererewe Imana Umukiza wanje:


Ajana Petero na bene Zebedayo bompi, atangura kubabara no guhagarika umutima cane.


Nzonezererwa cane Uhoraho, umutima wanje uvugirize impundu Imana yanje; kuko yanyambitse imyambaro y’agakiza, akansēsa hejuru umutamana w’ubugororotsi, nk’uk’ umukwe ashazisha igitsibo, kandi nk’uk’ umugeni ashazisha utugenegene twiwe.


Ivyoba vyiza n’uko mwobabazwa muhōwe gukora ivyiza, ari co Imana igomvye, hako muhōrwa gukora ibibi.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite