Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




1 Petero 1:25 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

25 Arikw ijambo ry’Uhoraho ryamah’ ibihe bidashira. Kand’ iryo ni ryo jambo ry’ubutumwa bgiza mwabgiwe.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

25 ariko ijambo ry’Uhoraho ryo rihoraho ibihe vyose.” Kandi iryo jambo ni bwo Butumwa Bwiza mwabwiwe.

Gade chapit la Kopi




1 Petero 1:25
23 Referans Kwoze  

Ivyatsi birūma, amashurwe agakabirana, arikw ijambo ry’Imana yacu rizohorah’ ibihe bidashira.


Ndababgire ukuri, Gushitsa ah’ ijuru n’isi bizoviraho, nta kanyuguti na kamwe canke n’akazatsa bizova ku vyagezwe, gushitsa aho vyose bizoheraherezwa.


Ijambo ryawe ryama rihamye mw ijuru Gushitsa ibihe bidashira, Uhoraho.


Icariho uhereye ubga mbere na mbere, ico twumvise, ico twabonye n’amaso yacu, ico twitegereje, intoke zacu zikagikorako, ivyo kuri Jambo w’ubugingo —


Ariko turafise ijambo ryavugishijwe, ryarakomejwe kurushiriza. Mugira neza ko murishirak’ umutima, ni nk’itara ryākira ahacuze umwiza, rigakesha ijoro, rikageza ah’ ikinyenyeri co mu gaturuturu kizobandurira mu mitima yanyu:


Ariko wewe, Uhoraho, uzohangama ibihe bidashira, Icibutso cawe kizohorah’ ibihe vyose.


Icoroshe n’ukw ijuru n’isi vyovaho, hakw akazatsa na kamwe kova ku nyuguti imwe yo mu vyagezwe.


Yaraje, ababgira ubutumwa bgiza bg’amahoro, mwebge abāri kure; kand’ abāri hafi na bo ababgira amahoro:


Kand’ uwo Jambo yihaye umubiri, abana natwe, twitegereza ubgiza bgiwe, n’ubgiza bumeze nk’ubg’ Umwana w’ikinege ava kwa Se, yuzuye ubuntu n’ukuri.


Ubga mbere na mbere Jambo yariho, kandi Jambo yahoranye n’Imana, kand’ uwo Jambo yar’ Imana.


Ivyo bizoshira, ariko weho uzohoraho, Mber’ ivyo vyose bizosāza nk’impuzu, Uzobikūranya nk’impuzu, bikūranwe n’ibindi;


ico twabonye tukacumva ni co tubabgira namwe, kugira ngo namwe mufatanye natwe. Kandi natwe dufatanije na Data wa twese n’Umwana wiwe Yesu Kristo.


mumere nk’inzoya zivutse vuba, mwifuze amata y’umutima adafunguye, kugira ngw abakuze abashitse ku gakiza;


Kuko mwavyawe ubga kabiri, mutavyawe n’imbuto ibora, ariko mwavyawe n’imbuto itabora, mubiheshejwe n’ijambo ry’Imana ririho rigahoraho.


Kandi bāhishurirwa yukw atari bo bavyikorera, ariko kw ari mwebge babikorera; ni vyo none mumaze kubarirwa n’abābabgiye ubutumwa bgiza, bāvugishijwe na Mpwemu Yera yatumwe ava mw ijuru: kand’ ivyo abamarayika bifuza kubirunguruka.


Ariko mu bihe yitoranirije yerekanishije ijambo ryayo ubutumwa najejwe, nk’ukw Imana Umukiza wacu yageze.


Jewe, uwuri mu nyuma y’uwo mu nyuma y’abera bose, naherewe ubgo buntu kubgira abanyamahanga ubutumwa bgiza bg’itunga rya Kristo ritagira aho riherera,


Kuko nagabiye kutagira ico mmenya muri mwebge, atari Yesu Kristo, we yabambge.


Ijwi ry’ūvuga, ati Semerera. Uwundi ati Nsemerere iki? Ut’ Abafise umubiri bose n’ivyatsi gusa, n’ubgiza bgabo bgose bumeze nk’amashurwe yo ku musozi:


bagatamira ijambo ryiza ry’Imana, n’ububasha bgo mu gihe kizoza,


Kandi mbona umumarayika wundi aguruka yātiriye ijuru, afise ubutumwa bgiza butazoshira bgo kubarira ababa kw isi n’amahanga yose n’imiryango yose n’indimi zose n’amoko yose.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite