Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




1 Petero 1:24 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

24 Kuko, Abafise umubiri bose basa n’ivyatsi, Ubgiza bgabo bgose bumeze nk’amashurwe y’ivyatsi; Ivyatsi birūma, amashurwe agahunguruka,

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

24 Nk’uko Ivyanditswe bivuga ngo: “Abantu bose bameze nk’ivyatsi; kandi ubwiza bwabo bwose bumeze nk’amashurwe yo ku misozi; ivyatsi biruma, amashurwe agahungurukira hasi,

Gade chapit la Kopi




1 Petero 1:24
15 Referans Kwoze  

Umuntu we, imisi yiwe ni nk’iy’ ivyatsi, Nk’ishurwe ryo ku musozi ni ko yamuza.


ariko mutazi ibizoba ejo. Ubugingo bganyu ni nk’iki? Mur’ umwuka uboneka umwanya muto, ugahava uyongayonga.


Kuko bazotemwa vuba nk’ ubgatsi, Bazokwuma nk’ukw imboga zitotahaye zuma.


Ni co catumye abābibamwo baba imburamaboko, bagacika ivutu, bakamāramāra; bagacika nk’ubgatsi bgo ku gahinga, nk’ubgatsi bg’urumerera, nk’ivyatsi vyimejeje ku nzu, nk’ingano zirumvye zikir’ ibironge.


Kand’ isi irikw irashirana n’ivyifuzo vyayo, arik’ ūkora ivy’ Imana igomba yamah’ ibihe bidashira.


Babe nk’ivyimejeje ku mazu, Vyuma bitarakura:


Iy’ abanyakibi bārutse nk’ ubgatsi, Kand’ inkozi z’ibibi zose iyo zitotahaye, N’ukugira ngo barandurwe gushitsa ibihe vyose.


Umutima wanje ukubiswe nk’ ubgatsi, urakabiranye: Kuko nibagira kurya igisa canje.


Ubajana nk’ukw isūri itwara, bahwanye n’itiro; Mu gitondo bamera nk’ivyatsi bikura.


Ashurika bga shurwe, maz’ agacibga; Ahita nk’igitūtu, ntiyamaho.


N’ukuri umuntu wese agenda nk’icijiji; N’ukuri bahagarikira imitima ubusa: Umuntu arundanya ubutunzi, atazi ūzobutwara.


Ni jewe, ni jewe nyene mbahūmuriza; uri nde utinya umuntu, kand’ azopfa; n’umwana w’ umuntu, kand’ azohinduka nk’ivyatsi?


Non’ Imana ko yambika ivyatsi vyo ku misozi irtyo, birih’ uyu musi, ariko nk’ejo bigatererwa mu ziko, mbega ntizorushiriza kubambika, mwebge ab’ ukwizera guke mwe?


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite