Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




1 Petero 1:23 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

23 Kuko mwavyawe ubga kabiri, mutavyawe n’imbuto ibora, ariko mwavyawe n’imbuto itabora, mubiheshejwe n’ijambo ry’Imana ririho rigahoraho.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

23 Ubu mwaravutse ubwa kabiri, ntimwavukiye ubuzima bw’akanya gato. Ubuzima bwanyu bushasha ni ubw’ibihe bidashira kuko buva ku mbuto itabora, ari ryo jambo rizima ry’Imana rihoraho.

Gade chapit la Kopi




1 Petero 1:23
18 Referans Kwoze  

Imana y’Umwami wacu Yesu Kristo, ari yo Se, iragahezagirwa, yatuvyaye ubga kabiri nk’ukw imbabazi zayo nyinshi ziri, kugira ngo tugire ivyizigiro bizima, ituvyaza ukuzuka mu bapfuye kwa Yesu Kristo,


Kukw ijambo ry’Imana ari rizima, rifise ubukuba, rifise ubugi buruta ubg’ inkota zose, rikinjira n’aho ritanya ubugingo n’impwemu, rigatanya ingingo n’umusokōro, risuzuma ivyo umutima wiyumvira, ukagabira.


Yesu aramwishura, ati N’ukuri, n’ukuri ndakubgire: Iy’ umuntu atavyawe ubga kabiri, ntashobora kubona ubgami bg’Imana.


ni bo batāvyawe n’amaraso, canke n’ukwifuza kw’ umubiri, canke n’ukwifuza kw’ umugabo, ariko bāvyawe n’Imana.


Impwemu ni zo zitera ubugingo, umubiri nta co umaze: amajambo mbabgiye n’impwemu n’ubugingo.


Turazi yuk’ umuntu wese avyawe n’Imana adakora ivyaha, arik’ umwe yavyarwa n’Imana aramuzigama, kandi wa Mubi ntamukorako.


Nk’uko yabigabiye ubgayo, yatuvyarishije ijambo ry’ukuri, kugira ngo tube nk’umushuzo w’ibiremwa vyayo.


Yesu aramwishura, ati N’ukuri, n’ukuri ndakubgire: Iy’ umuntu atavyawe n’amazi na Mpwemu, ntashobora kwinjira mu bgami bg’Imana.


Ijuru n’isi bizorangira, arikw amajambo yanje nta co azoba.


Umuntu wese yavyawe n’Imana ntakora ivyaha, kukw imbuto yayo iguma muri we; kandi ntashobora gukora ivyaha, kuko yavyawe n’Imana.


Arikw ijambo ry’Uhoraho ryamah’ ibihe bidashira. Kand’ iryo ni ryo jambo ry’ubutumwa bgiza mwabgiwe.


vyose vyaremwe na we, mu vyaremwe vyose nta kintu na kimwe kitaremwe na we.


Kamenyi ni yagira ico yarose, n’akirotore; kand’ ūfise ijambo ryanje n’ avuge iryo jambo adacishije i ruhande. Mbeg’ umuguruka uhwanye ute n’ingano? ni jewe Uhoraho mbibajije.


icubahiro c’Imana idapfa baragikāba ngo basenge ibishushanyo bisa n’umuntu apfa, n’ivy’ ibiguruka n’ivy’ ibigenza amaguru ane n’ivy’ ibikwega inda hasi.


Rāba nzovuma imbuto zanyu, ari mwebge mubinteye, kandi nzobasīga mu maso amayezi y’ibimazi vyanyu; muzoyoranwa na yo.


Umugani n’uyu. Imbuto n’ijambo ry’Imana.


Kandi ni hagira ico ku muvyimba wavyo cogwa mu mbuto zo kubibga iz’ ari zo zose, zo ntizoba zihumanye.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite