Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




1 Petero 1:13 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 Nuko rero mukenyere mu mitima yanyu, mwirinde ibiboreza, mwizigire rwose ubuntu muzozanirwa mu kuzohishurwa kwa Yesu Kristo.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

13 Nuko rero mwame mugavye kandi mwirinde. Ivyizigiro vyanyu vyose mubishire ku buntu muzohabwa igihe Yesu Kristo azohishurirwa.

Gade chapit la Kopi




1 Petero 1:13
35 Referans Kwoze  

Mwirinde ibiboreza, mwame mugavye: umurezi wanyu, ari we wa Murwanizi, agendagenda nk’intambge yivuga, arondera uwo arotsa.


Mwame mukenyeye, kand’ amatara yanyu yame yaka:


Arik’ umuhero wa vyose uri hafi: nuko ntimuhugumbe, mwirinde, kugira ngo mubone uko mushishikara gusenga.


ariko mwubahe Kristo mu mitima yanyu kw ari we Mwami, muhore mwiteguye kwishura umuntu wese ababajije inyanduruko y’ivyizigiro biri muri mwebge, ariko muri n’ubugwaneza, mutinya,


na Kristo n’uko, yamaze gutangwa rimwe ngo yishirekw ivyaha vya benshi, azoboneka ubga kabiri, atazanywe n’ivyaha, abonekere gukiza abamwiteze.


Kand’ umuntu wese amuzigakw ivyo, ariyeza, nk’uk’ uwo ar’ uwera.


Ibisigaye, mbīkiwe igitsibo c’ukugororoka, ico Umwami wacu, umucamanza agororotse, azompa kuri wa musi, kandi si jewe jenyene nzogihabga, ariko kandi n’abakunze kuzoseruka kwiwe bose bazogihabga.


Nuko rero mushikame, mukenyeje ukuri, mwambaye ukugororoka nk’icuma gikīngīra igikiriza,


Bituma mutagira ingabire n’imwe muhaza, mwiteze guhishurwa kw’ Umwami wacu Yesu Kristo.


Ni ko bizoba, umusi Umwana w’umuntu azoserukirako.


Nuko ntimute ubushizi bg’ubgoba bganyu, buri n’impēra ikomeye.


Ivyo vyizigiro tubifise nk’ikizirika umutima kigumye, gikomeye, cinjira hirya y’igihūzu gikīngiriye ahēra cane,


Ariko Kristo ayoboka nk’Umwana, atwara urugo rwayo. Kand’ urugo rwayo ni twebge, namba tubangirije ubushizi bg’amanga n’ukwirata ivyizigiro vyacu rwose, gushitsa kw iherezo.


Ariko weho, wirinde muri vyose, wihanganire imibabaro, ukore igikorwa c’umuvuzi w’ubutumwa bgiza, ushitse igikorwa c’ibango ryawe.


None rero hagumyeh’ ukwizera, n’ivyizigiro, n’urukundo, ivyo ukw ari bitatu: arikw ikibiruta n’urukundo.


Tugendane ingeso nziza, nk’abagenda ku murango, tutadandahirwa, tutaborerwa, tudasambana, tudakora ivy’ isoni nke, tudatongana, tutagira ishari.


at’ Enda kenyera magabo! Ngira nkubaze, nawe uheze unyishure.


no kwishura mwebge abayaterwa kuruhukana natwe, ah’ Umwami Yesu azohishurirwa, ava mw ijuru, azananye n’abamarayika b’ubushobozi bgiwe,


None rero wewe va hasi ukenyere, ubabgire ivyo nkubarira vyose: ntuhindishwe agashitsi na bo, kugira ngo noye kuzoguhindishiriza agashitsi imbere yabo.


Ubugororotsi buzomubera umukanda mu rukenyerero, mber’ ukwizigirwa kuzomubera umukanda mu mafyinga.


Ukuboko kw’Uhoraho kuja kuri Eliya; arakenyera, yiruka imbere ya Ahabu barinda bashika kw irembo ry’i Yezireli nyene.


Uku abe ari ko muzozirya: muze muzirye mukenyeye, mwambaye inkweto, mufashe inkoni mu minwe; muze muzirye vuba na vuba: iyo ni yo Pasika yanje, jewe Uhoraho.


Enda kenyera magabo! Kuko ngira nkubaze, nawe uheze unyishure.


Elisa abarira Gehazi, ati Kenyera, wābīre inkoni yanje, ugende; ni hagira uwo muhūra, ntimuramukanye; n’ūgomba ko muramukanya, ntumwishure: uheze urambike iyo nkoni ku maso y’umuvyimba w’uwo mwana.


Ariko ntiyomubarira, at’ Arura ivyo kurya vyanje, ukenyere, ungaburire, gushitsa aho mpereza kurya no kunywa, nawe hanyuma ubone kurya no kunywa?


Kukw ivyaremwe vyiteze uguhishurwa kw’abana b’Imana biguhahamiye cane.


Kristo, ni we bugingo bgacu, ni yerekanwa, namwe muzoca mwerekananwa na we muri mu bgiza.


Ivy’ ako gakiza, abāvugishwa n’Imana, ari bo bāvuze ubuntu mwāgira muze muhabge, bārabirondera, bārabisesa,


Mbandikiye icete c’amajambo make, canditswe na Siluwano, mwene Data w’umwizigirwa uko niyumvira; mbahanūra nshinga intahe yuk’ ubgo ari bgo buntu bg’Imana bg’ukuri: mubuhagararemwo mushikamye.


Na bo arababgira, ati Namwe ni mugende mu ruzabibu, ndabagerera ivyo mukwiranye. Baragenda.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite