Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




1 Petero 1:12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Kandi bāhishurirwa yukw atari bo bavyikorera, ariko kw ari mwebge babikorera; ni vyo none mumaze kubarirwa n’abābabgiye ubutumwa bgiza, bāvugishijwe na Mpwemu Yera yatumwe ava mw ijuru: kand’ ivyo abamarayika bifuza kubirunguruka.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

12 Imana yabahishuriye ko ivyo bavugishwa bitari biberekeye, ahubwo ko vyari vyerekeye mwebwe. Ubwo butumwa namwe mwarabubwiwe n’ababuvuga basunitswe na Mpwemu Yera yarungitswe avuye mw’ijuru. Ivyo ni igitangaza kuko n’abamarayika baripfuza kubibona bishika.

Gade chapit la Kopi




1 Petero 1:12
56 Referans Kwoze  

Arik’ Umwitsa ah’ azozira, uwo nzobarungikira ava kuri Data, ni we Mpwemu w’ukuri akomoka kuri Data, uwo ni we azonshingira intahe,


kugira ngo noneh’ abakuru n’abafise ububasha b’ahantu ho mw ijuru bamenyere kw ishengero ubgenge bg’Imana bg’uburyo bginshi,


Arikw Imana yabiduhishuriye muri Mpwemu wayo: Mpwemu asesa vyose, n’ibihishijwe vy’Imana.


Kuko natwe twabgiwe ubutumwa bgiza nka bo, ariko, ijambo bumvise ntiryābagiriye ikimazi, kuko ritāvanzwe n’ukwizera mu mitima y’abāryumvise.


Arababarira, ati Mugende muje mu bihugu vyose, mubgire abāremwe bose ubutumwa bgiza.


Arikw ijambo ry’Uhoraho ryamah’ ibihe bidashira. Kand’ iryo ni ryo jambo ry’ubutumwa bgiza mwabgiwe.


Ndarāba, numva ijwi ry’abamarayika benshi bakikije ya ntebe na vya binyabugingo na ba bakuru: igitigiri cabo car’ amasinzi n’amasinzi, n’ibihumbi n’ibihumbi.


mu kugira umutima utanduye, mu kugira ubgenge, mu kutarambirwa, mu kuba inda nziza, muri Mpwemu Yera, mu rukundo rutar’ uruheyiheyi,


Kandi ni yo yadushizekw ikimenyetso, itugwatiriza Mpwemu wayo mu mitima yacu.


n’ubushobozi bg’ibimenyetso bikomeye, n’ibitangaza, n’ubushobozi bga Mpwemu Yera. Ivyo vyatumye nshitsa ubutumwa bga Kristo, utanguriye i Yerusalemu, ugakikuza, ugashika no muri Iluriko,


Nukw amaze gushirwa hejuru n’ukuboko kw’i buryo kw’Imana, kand’ ashikirijwe na Se isezerano, ari ryo Mpwemu Yera, non’ asutse ico muriko murabona kandi mwumva.


Nuko ni wīgīre, urīndīre iherezo; kuk’ uzoruhuka, kand’ uzohagarara mu mugabane wawe, kw iherezo ry’iyo misi.


Aranyishura, at’ Igīre, Daniyeli; kukw ayo majambo ar’ akabanga, amatanishijwe ishashara idomyemw’ ikimenyetso, gushitsa igihe c’iherezo.


Imana ifatanije na bo kugashingira intahe, iyishingisha ibimenyetso n’ibitangaza n’ibikomeye vy’uburyo bginshi n’ingabire za Mpwemu Yera zagabanganijwe nk’uko yagomvye.


guhishurira umutima wanje Umwana wayo, ngo mvuge ubutumwa bgiwe bgiza mu banyamahanga, ako kanya sinagishije inama abafise inyama n’amaraso,


kuko nanje ntābuhawe n’umuntu, kandi sinabgigishijwe, ariko ni Yesu Kristo yabumpishuriye.


Kandi bazosigura ivyiwe bate, batātumwe? Nk’uko handitswe, ngw Ewe kuntu ibirenge vy’abazanye ubutumwa bg’ivyiza ari vyiza!


Kuko muri bgo ari ho ukugororoka kuva ku Mana guhishurwa, guheshwa n’ukwizera kukagwiza ukwizera, nk’uko vyanditswe, ng’ Umugororotsi azobeshwaho n’ukwizera.


Ndababgire, Uko ni ko haba umunezero imbere y’abamarayika b’Imana kubg’ umunyavyaha umwe yihannye.


Mur’ ico gihe Yesu aravuga, ati Ndaguhimbaza, Data, Mwami w’ijuru n’isi, kukw ivyo wabihishije abanyabgenge n’abahanga, ukabihishurira inzoya.


Ereg’ Umwami Uhoraho ntazogira ico akora, atabanje kwibira akabanga abasavyi biwe avugisha.


Amayinga mirongwirindwi agerewe ubgoko bganyu n’igisagara canyu cera, kugira ngw ibicumuro bishire n’ivyaha birangizwe, n’ibigabitanyo bitangirwe impongano, hazanwe ukugororoka kutazoshira, ivyo weretswe n’ivyavugishijwe n’Imana ngo bimatanishwe ishashara idomwemw’ ikimenyetso, ahēra cane harobanuzwe amavuta.


Bene Data, muribuka ubutame bgacu n’ubucumukure; twābabgira ubutumwa bgiza bg’Imana twikenurira umurango n’ijoro, kugira ngo ntihagire uwo muri mwebge turemēra.


Baragenda, bagendagenda mu mihana, bavuga ubutumwa bgiza, bakiriza abarwaye hose.


Yari yarabgiwe na Mpwemu Yera yukw atazopfa, atarabona Kristo w’Umwami Imana.


Yesu aramwishura, at’ Ur’ umuhirwe, Simoni mwene Yona, kukw ata w’inyama n’amaraso yabiguhishuriye, ariko ni Data wo mw ijuru.


Vyose nabihawe na Data, kandi nta wuzi Umwana, atari Data, na Data, nta wumuzi, atar’ Umwana, n’uwo Umwana agomba kumuhishurira.


Kandi nzosuka ku nzu ya Dawidi no ku baba i Yerusalemu impwemu y’ubuntu n’iyo gusenga; kandi bazokwitegereza uwo bācumise; bazomuborogera nk’ ūborogera umwana wiwe w’ikinege, bamurware akabonge nk’ūkarwazwa n’imfura yiwe.


Mu mwaka ugira gatatu Kuro umwami w’i Buperesi ari ku ngoma, Daniyeli ari we Beluteshaza, har’ ico yeretswe, kand’ ico kintu car’ ic’ ukuri, ni co ntambara zikomeye; atahura ivy’ ari vyo, kand’ ivyo yeretswe arabisobanukirwa.


Maze numva uwera avuga; kand’ uwundi mu bera abaza umwe yabanje kuvuga, ati Bizogeza ryari ivyerekanywe vy’ikimazi cahora gitangwa, n’ivy’ igicumuro kizanye ubugesera, gitumye ahantu hēra n’ingabo bitangwa bigasiribangwa?


Nuk’ umwami abgira Daniyeli, ati N’ukuri Imana yanyu ni yo Mana nya mana, ni yo Shebuja w’abami, kandi ni yo ihishura amabanga, kuk’ ushoboye guhishura iryo banga.


ni yo ihishura ivy’ amabanga y’iyo bihera; ni yo izi ibiri mu mwiza, kand’ umuco ubana na yo.


Nuko Daniyeli ahishurirwa ayo mabanga, avyerekwa nko mu nzozi mw ijoro. Maze Daniyeli atazira Imana yo mw ijuru.


gushitsa aho Mpwemu azodusukirwako avuye hejuru, ubugaragwa bugacika itongo rimera cane, kand’ itongo ryamera cane rikitwa ishamba.


Muhindukire kubgo kwihanikiriza kwanje: Rāba, nzosuka impwemu yanje kuri mwebge, Nzobamenyesha amajambo yanje.


Abo bakerubi babe abashanje amababa hejuru, ayo mababa yabo ngw akingīre uwo mutemere wo guhongerako, barābane; bashire amaso kur’ uwo mutemere.


Abo bose bāpfuye bacizeye, batarahabga ivyasezeranywe, ariko bārabibona biri kure bakabisāsirira, bakemera kw ar’ akavantara n’ingenzi kw isi.


Ni nde yemeye inkuru zacu? Kand’ ukuboko kw’Uhoraho kwahishuriwe nde?


ni co gituma jeho kubganje niteguye kubabgira ubutumwa bgiza namwe mur’ i Roma.


Amaze kurota izo nzozi, duca turondera ingene tuja i Makedoniya, kuko tumenye yukw Imana iduhamagariye kubabgira ubutumwa bgiza.


Petero akivuga ayo majambo, Mpwemu Yera aramanuka, aja ku bariko barumva iryo jambo bose.


Na bo bamaze gushinga intahe, no kuvuga ijambo ry’Umwami Yesu, basubira i Yerusalemu, bagenda baravuga ubutumwa bgiza mu mihana myinshi y’Abasamariya.


Bahejeje gusenga, aho bakoraniye haratigita, bose buzuzwa Mpwemu Yera, bavuga ijambo ry’Imana bashize amanga.


Nuko Petero, yuzuye Mpwemu Yera, arababarira, ati Yemwe bashingantahe b’abantu n’abakuru,


Hanyuma y’ivyo nzosuka Mpwemu wanje ku bari n’umubiri bose; abahungu banyu n’abakobga banyu bazovugishwa nanje, n’abatāma banyu bazorota inzozi, n’imisore yanyu izobona ivyo yeretswe.


Nta wuhakana yukw ibanga ryo kwubaha Imana ridahambaye cane, n’iri: umwe yerekanywe afise umubiri, akaboneka kw ar’ umugororotsi mu mpwemu, akabonwa n’abamarayika, akamenyekanishwa mu banyamahanga, akizererwa mw isi, akadūzwa agahabga ubgiza.


Kukw icatumye abapfuye na bo bābariwe ubutumwa bgiza kwar’ ukugira ngo bacirirwe imanza mu mubiri mu buryo bg’abantu, ariko babeho mu mpwemu mu buryo bg’Imana.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite