Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yuda 1:7 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

7 Kandi mwibuke Sodomu na Gomora n’ibisagara vyari bihakikije. Abantu baho bihaye gukora ivyaha vy’ubuhumbu n’ivy’ubusambanyi vy’ubwoko bwose. Ni co catumye Imana yabatanzeko akarorero mu kubahanisha umuriro udashira.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Kandi n’abantu b’i Sodomu n’i Gomora bo n’ibisagara vyari bihereranye na ho, kuko bitanze bakīha ubusambanyi nka ba bandi, n’ukwendana, ukw imibiri itaremewe, ivyo bisagara vyashiriweho kuba akabarore, bibabazwa n’igihano c’umuriro utazima.

Gade chapit la Kopi




Yuda 1:7
27 Referans Kwoze  

hanyuma kandi nimba yaraciriye kw’iteka ibisagara vya Sodomu na Gomora mu kubihindura umunyota, bigacika akarorero k’ibizoshikira abatubaha Imana;


gushika umusi Loti yaviriye i Sodomu, maze umuriro n’ibizuku bikoroka bivuye mw’ijuru, birabarigita bose.


Hanyuma Umwami azohindukira abwire abari i bubamfu bwiwe ati: ‘Mva mu maso mwa bivume mwe, muje mu muriro utazozima wateguriwe Satani n’abamarayika biwe.


Mbega ntimuzi ko inkozi z’ibibi zitazoragwa Ubwami bw’Imana? Ntimukibeshe: abihumanisha ibijanye n’ubusambanyi, abasenga ibigirwamana, abasambanyi, abagabo bihindura abagore mu bumaraya, abahuza ibitsina basangiye,


Bivuye muri iryo jambo nyene, amajuru y’ubu n’isi y’ubu bibikiwe kuzotongorwa n’umuriro, birindirijwe uyo musi wo guca imanza no guhonya abatubaha Imana.


Ni co gituma ndababwiye ko ku musi w’imanza igihugu ca Sodomu kizogira agahengekerezo kurusha mwebwe.”


Ndababwire ukuri: ku musi w’imanza, ibihugu vya Sodomu na Gomora bizogira agahengekerezo kurusha ico gisagara.


yongere ihe akaruhuko mwebwe muri mu mibabaro, co kimwe natwe. Ivyo bizoshika ku musi Umwami Yesu azohishurirwako avuye mw’ijuru mu kibengebenge gikomeye c’umuriro ari kumwe n’abamarayika biwe b’ubushobozi bwinshi.


Azohana abatazi Imana n’abatubaha ivyo Ubutumwa Bwiza bw’Umwami Yesu bwigisha.


Benshi bazokurikira inzira zabo z’ibiteye isoni, bakengere inzira y’ukuri.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite