Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yuda 1:20 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

20 Ariko mweho, bakundwa, mwiyubake mu kwizera kwanyu kwera cane kandi musengere muri Mpwemu Yera.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

20 Ariko mweho, bakundwa, mwiyubake ku kwizera kwanyu kwera cane, musengere muri Mpwemu Yera,

Gade chapit la Kopi




Yuda 1:20
28 Referans Kwoze  

Kandi musengere muri Mpwemu ibihe vyose kandi mugire amasengesho y’uburyo bwose n’ukwinginga. Hamwe n’ivyo vyose, mwame muri maso kandi mwame musenga ubudasiba musengera abera b’Imana bose.


None ndabigenze gute? Nzosengesha impwemu yanje, ariko nzosengesha n’ubwenge. Nzoririmbisha impwemu yanje, ariko kandi nzoririmbisha n’ubwenge bwanje.


mushinze imizi kandi mwubatswe neza muri we, mukomeye mu kwizera nk’uko mwigishijwe, kandi amashimwe yanyu ari menshi asesekaye.


None rero muremeshanye mwongere mukuzanye, nk’uko musanzwe muriko murabikora.


Muri make rero bene Data, iyo mukoraniye hamwe, hazoba uwuririmba, uwundi yigishe, uwundi avuge ico Imana yamuhishuriye, uwundi avuge mu ndimi zitamenyekana, uwundi na we azisobanure. Ariko vyose bikorwe ku buryo bibubaka mwese.


kuko Mpwemu mwahawe atari uwo kubagira abagurano ngo mwongere gutinya; ahubwo mwakiriye Mpwemu abagira abana b’Imana. Uwo ni we atuma dusemerera, tukabwira Imana tuti: “Aba, Data.”


Kuko turi abana bayo, Imana yarungitse Mpwemu w’Umwana wayo mu mitima yacu. Ni we Mpwemu atuma dusemerera tuvuga tuti: “Aba, Data.”


Ntihakagire ijambo ribi riva mu kanwa kanyu, ariko iryo muvuze ryose, rize ribe ryiza kandi ryubaka abandi mu bijanye n’ivyo bakeneye, ryongere ribe irihesha ubuntu ababumva.


Mu nyuma ishengero ry’i Yudaya, i Galilaya n’i Samariya rigira amahoro, rirakomera, rigendera mu kwubaha Umwami Imana, ryongera riragwira ryiruwe na Mpwemu Yera.


Ni we atuma umubiri wose ukomera ugafatanywa neza n’ingingo zawo, ugakura neza kandi ukubakwa mu rukundo, mu gihe urugingo rwose rukoze igikorwa carwo.


kugira ngo bashobore kwigisha abera na bo bakore igikorwa ciwe, bubake ishengero ari ryo mubiri wa Kristo.


kugira ngo ubugurure amaso, bave mu mwijima baje mu muco, ubakure mu bubasha bwa Satani ubazane ku Mana, baharirwe ivyaha vyabo, maze bahabwe ikibanza mu bejejwe babihawe no kunyizera.’


kuko uwavyawe n’Imana wese anesha isi, kandi ikuduha iyo intsinzi ni ukwizera kwacu.


Urabona rero ko ukwizera kwiwe n’ibikorwa vyiwe vyose vyakoreye hamwe, ukwizera kwiwe kukuzuzwa n’ibikorwa yakoze.


Jewe Pawulo, umukozi w’Imana n’intumwa ya Yesu Kristo ku bw’ukwizera kw’abatoranijwe n’Imana n’ukumenya ukuri gushikana ku kugororoka,


Muvuga muti: “Vyose turavyemerewe,” yamara si vyose bigira ikimazi. Muvuga muti: “Vyose turavyemerewe,” yamara si vyose vyubaka.


Dukwiye gufasha bagenzi bacu gukora ibibereye mu ntumbero yo kubafasha gukura mu kwizera.


Ntiyadutandukanije na bo, kuko yejeje imitima yabo kuko bizeye.


Nama nibuka ukwizera kwawe kwabanje kuba muri nyokuru wawe Lowisi no muri nyoko Ewunike, kandi ndizera ntakekeranya ko kuri no muri wewe.


canke ngo bateshe umwanya abantu mu vy’imigani myinshi n’urukurikirane rudahera rwa ba sekuruza. Ivyo bizana impari, aho gufasha mu gikorwa c’Imana co gukiza, ico tumenya mu kwizera.


Ni we azobaha gushikama gushika kw’iherezo, kugira ngo muzobe mutagira umugayo ku musi Yesu Kristo azogarukirako.


“Uwagenewe kujanwa nk’inyagano, azojanwa nk’inyagano. Uwagenewe kwicishwa inkota azokwicwa n’inkota.” Ibi bisigura ko abera b’Imana bategerezwa kwihangana cane bakagumana ukwizera.


Bene Data nkunda, naho nari nipfuje cane kubandikira ku bijanye n’agakiza dusangiye, numvise ngoberwa kwandika ndabahimiriza ngo mugwanire ukwizera abera b’Imana bahawe rimwe rizima.


Jewe Simoni Petero, umukozi n’intumwa ya Yesu Kristo, Ndabandikiye mwebwe mwakiriye ukwizera kw’agaciro nk’ukwacu biciye mu kugororoka kw’Imana yacu n’Umukiza Yesu Kristo:


Nuko ijambo ry’Imana ribandanya kwamamara, igitigiri c’abigishwa i Yerusalemu kiragwira cane, kandi n’abaherezi benshi b’Abayuda barizera.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite