Imana Data yabamenye kuva kera irabatoranya, Mpwemu wayo arabeza kugira ngo mwumvire Yesu Kristo mwogejwe n’amaraso yiwe: Ubuntu n’amahoro bibe muri mwebwe bisesekaye.
Nuko rero ndabandikiye mwebwe ab’i Roma, mukundwa n’Imana kandi mwahamagariwe kuba abantu bayo bejejwe: Ubuntu n’amahoro biva ku Mana Data wa twese no ku Mwami wacu Yesu Kristo bibe kuri mwebwe mwese.
Ndakwandikiye Timoteyo umwana wanje vy’ukuri mu kwizera: Ubuntu, imbabazi n’amahoro biva ku Mana Data wa twese, no ku Mwami wacu Kristo Yesu bibane na we.