Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yuda 1:12 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

12 Kubana na bo iyo musangira mu misi mikuru y’urukundo nk’abizera ni agatetereza, kandi ivyo babikora ata co basonera. Bameze nk’abungere biragira ubwabo. Bameze nk’ibicu bitagira imvura bikubebwa n’umuyaga. Bameze kandi nk’ibiti bitagira ivyamwa mu gihe c’iyera, vyaranduranywe n’imizi bipfa kabiri.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Abo n’ivyubirizi mw isangira ryanyu ry’urukundo, iyo basangira namwe ivyiza; n’abungere bīragira ubgabo ata dusoni: n’ibicu bitagira amazi, bikubebga hose n’umuyaga; n’ibiti birumvye bitāma, vyapfuye kabiri, vyaranduranywe n’imizi;

Gade chapit la Kopi




Yuda 1:12
35 Referans Kwoze  

Yesu arabishura ati: “Igiterwa cose Data wo mw’ijuru atateye kizorandurwa.


Iherezo ryabo ni ukurandurwa. Imana yabo ni inda yabo, kandi ivyobateye isoni ni vyo bihimbaro vyabo. Nta kindi biyumvira atari ivy’iyi si gusa.


Aho rero ni ho tutazosubira kumera nk’inzoya, ngo dukubebwe tujanwa hirya no hino n’imipfunda, twongera tuzungagizwa n’umuyaga uwo ari wo wose w’inyigisho z’ibinyoma n’amayeri vy’abantu bazimiza.


Mwiyubare, imitima yanyu ntiremerwe n’akaborerwe hamwe n’ibihimbaro bijanye na ko, canke imyitwarariko y’ivy’ubu buzima, kugira ngo uwo musi ntuze ubashikeko giturumbuka,


Izindi zigwa ku rutare; zimeze zica ziruma kuko hatari habomvye.


Mwabaye mw’isi muri mu bihimbaro bikomeye, muhaza icipfuzo cose. Mwarigaburiye muravyibuha kurya kw’ibitungwa bategurira kubagwa.


Ariko umupfakazi abayeho yinezereza gusa aba yarapfuye naho yoba ari muzima.


Habaye umutunzi yama yambaye mpuzu nziza z’igiciro kinini, kandi mu buzima bwiwe bwa misi yose yibera mu misi mikuru.


Ariko vyogenda gute hamwe uwo mukozi yokwibwira mu mutima ati: ‘Databuja yatevye kugaruka,’ hanyuma agatangura gukubita abandi bakozi, akirira, akinywera, akiborererwa?


Ariko izuba ryatse, za mbuto zariko ziramera zica ziruma kuko imizi yazo itashika kure.


Ariko izuba ryatse, za mbuto zariko ziramera zica ziruma kuko imizi yazo itashika kure.


Ntimukemere kuzimizwa n’inyigisho z’ivyaduka z’uburyo bwose. Inkomezi z’imitima yanyu ziva mu buntu bw’Imana, ntiziva mu mategeko ajanye n’ivyokurya, kuko bidashobora gufasha ababikurikiza.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite