Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 9:7 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

7 Aramubwira ati: “Genda wiyuhagire ku kidengeri c’i Silowamu” (Silowamu bisigura “Uwatumwe”). Wa muntu aragenda ariyuhagira, agaruka abona.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 aramubarira, ati Genda wiyuhagire mu kidengeri Silowamu; (Silowamu risobanurwa ngo Mutumwa). Nukw aragenda ariyuhagira, agaruka abona.

Gade chapit la Kopi




Yohana 9:7
21 Referans Kwoze  

Ariko bamwe baravuga bati: “None ko yakijije ya mpumyi, ntiyari gushobora gukingira Lazaro urupfu?”


Arabishura ati: “Umuntu bita Yesu ni we yavuruze utwondo atunsiga ku maso, hanyuma ambwira ati: ‘Genda wiyuhagire ku kidengeri c’i Silowamu.’ Naciye njayo ndiyuhagira, none ndabona.”


kugira ngo ubugurure amaso, bave mu mwijima baje mu muco, ubakure mu bubasha bwa Satani ubazane ku Mana, baharirwe ivyaha vyabo, maze bahabwe ikibanza mu bejejwe babihawe no kunyizera.’


Canke mwibaza ko bamwe cumi n’umunani bapfa igihe umunara wabagwako i Silowamu bari abanyavyaha kurusha ababa i Yerusalemu bose?


Maze igihe gikwiye kigeze, Imana irungika Umwana wayo, avyagwa n’umugore, avukira mu vyagezwe,


Ivyagezwe vya Mose ntivyashobora gukora ivyo, kubera intege nke za kamere kacu k’icaha. Ico ivyagezwe bitashoboye gukora, Imana yagikoze mu gutuma Umwana wayo, yaje afise umubiri nk’uw’umunyavyaha kugira ngo abe ikimazi c’ivyaha. Kandi muri uwo mubiri, Imana irangiza ububasha icaha cari kidufiseko mu kuwutanga nk’ikimazi c’ivyaha vyacu; gutyo icira urubanza icaha mu mubiri.


none vyocura iki ku wo Data yatoranije nk’uwiwe bwite hanyuma akamurungika kw’isi? Ni kuki munyagiriza ko ntutse Imana, mvuze nti: ‘Ndi Umwana w’Imana’?


Yesu aca aravuga ati: “Naje muri iyi si guca urubanza, kugira ngo impumyi zihumuke, maze abibaza ko babona na bo ndabereke ko ari impumyi.”


Ni umuco uzohishurira Abanyamahanga Imana, ni icubahiro ku bwoko bwawe bwa Isirayeli.”


impumyi zirahumuka, ibimuga biragenda, abanyamibembe barahumanuka, ibipfamatwi birumva, abapfuye barazuka, kandi aboro barabwirwa ubutumwa bwiza.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite