38 Wa muntu aravuga ati: “Mwami, ndizeye.” Nuko aca aramwunamira.
38 Na we ati Ndizeye, Mwami. Araheza aramupfukamira.
Ubwo nyene, Yesu aca ahura na bo arabaramutsa. Na bo baramwegera bamufata ku birenge baramusenga.
Abari mu bwato bose bamuha icubahiro, bavuga bati: “Ni ukuri uri Umwana w’Imana.”
Toma aramubwira ati: “Mwami wanje, Mana yanje!”
Baca barapfukama baramusenga, hanyuma basubira i Yerusalemu buzuye umunezero mwinshi.
Bamubonye, baramusenga, ariko bamwe muri bo barakekeranya.
Maze haza umuntu arwaye imibembe, apfukama imbere yiwe, amubwira ati: “Mwami, ubishatse, woshobora kunkiza ngahumanuka.”
Yesu aca aravuga ati: “Naje muri iyi si guca urubanza, kugira ngo impumyi zihumuke, maze abibaza ko babona na bo ndabereke ko ari impumyi.”