Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 9:3 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 Yesu arabishura ati: “Ntivyavuye ku vyaha vyiwe canke ku vy’abavyeyi biwe, ariko ibi vyabaye kugira ngo ubushobozi bw’Imana bwiyerekanire muri we.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Yesu arabishura, at’ Uyu ntiyakoze icaha, kandi s’abavyeyi biwe, ariko n’ukugira ngw ibikorwa vy’Imana bibonekere kuri we.

Gade chapit la Kopi




Yohana 9:3
16 Referans Kwoze  

Yesu avyumvise, aravuga ati: “Ingwara ya Lazaro si iyo kumwica. Ahubwo ni iyo kwerekana icubahiro c’Imana, kugira ngo Umwana w’Imana ahabwe icubahiro biciye muri yo.”


Yesu aramubwira ati: “Sinakubwiye ko niwizera uja kubona ubwiza bw’Imana?”


impumyi zirahumuka, ibimuga biragenda, abanyamibembe barahumanuka, ibipfamatwi birumva, abapfuye barazuka, kandi aboro barabwirwa ubutumwa bwiza.


Nuko babanza kubatera ubwoba cane, hanyuma barabarekura barataha. Ntibaronse ingene bari bubahane kubera abari aho bose bariko bashima Imana ku vyari vyabaye.


Abantu bo muri iryo zinga babonye ico gikoko yenenena ku kuboko kwiwe, barabwirana bati: “Uwu muntu ategerezwa kuba ari umwicanyi, kuko n’aho yari akize ikiyaga, urubanza rw’Imana ntirumwemereye kubaho.”


Uku ni ko Imana yatweretse urukundo rwinshi idukunda: yatumye umwana wayo w’ikinege mw’isi kugira ngo tugire ubugingo budashira ku bwiwe.


Turazi urukundo Imana yadukunze kandi twashize ivyizigiro vyacu mu rukundo rwayo. Imana ni urukundo. Umuntu wese aba mu rukundo aba mu Mana na yo ikaba muri we.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite