Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 9:24 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

24 Basubira gutumako wa muntu yahora ari impumyi ubugira kabiri, baramubwira bati: “Ubaha Imana, utubwire ukuri, kuko turazi ko urya muntu yagukijije ari umunyavyaha.”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

24 Maze bahamagara ubugira kabiri wa muntu yahora ar’ impumyi, baramubgira, bati Ni wubahe Imana, twebge tuzi yuk’ uwo muntu ar’ umunyavyaha.

Gade chapit la Kopi




Yohana 9:24
22 Referans Kwoze  

Bamwe mu Bafarisayo baravuga bati: “Uwu muntu yakoze ibi ntava ku Mana, kuko ntiyubahiriza umusi w’Isabato.” Ariko abandi barabaza bati: “None umunyavyaha yoshobora gukora ibitangaza nk’ibi?” Maze ivyo bituma bacanamwo.


Abakuru b’abaherezi n’abarinzi b’urusengero bamubonye, barasemerera bati: “Nabambwe! Nabambwe!” Pilato arabishura ati: “Nimumujane mwebwe mumwibambire kuko ata kibi na kimwe nasanze kimwagira.”


Imana yahinduye icaha uwutigeze acumura ku neza yacu, kugira ngo muri we ducike ukugororoka kw’Imana.


Ivyagezwe vya Mose ntivyashobora gukora ivyo, kubera intege nke za kamere kacu k’icaha. Ico ivyagezwe bitashoboye gukora, Imana yagikoze mu gutuma Umwana wayo, yaje afise umubiri nk’uw’umunyavyaha kugira ngo abe ikimazi c’ivyaha. Kandi muri uwo mubiri, Imana irangiza ububasha icaha cari kidufiseko mu kuwutanga nk’ikimazi c’ivyaha vyacu; gutyo icira urubanza icaha mu mubiri.


Baramwishura bati: “Ntitwari kumukuzanira ata kimwagira.”


Bazobirukana mu masinagogi, kandi igihe kiraje aho abazobica bazokwibaza ko bariko bakorera Imana.


Nta mwanya ngifise wo kubabwira vyinshi, kuko umutware w’iyi si agira aze. Jewe nta bubasha amfiseko,


Yesu arabishura ati: “Jewe simboshwe n’umudayimoni; nubaha Data ariko mwebwe ntimunyubaha.


Hari n’umwe muri mwebwe ashobora kunyagiriza icaha? None nimba ndababwira ukuri, ni kuki mutanyizera?


kugira ngo bose bubahe Umwana nk’uko bubaha Se. Uwutubaha Umwana, ntiyubaha na Se yamutumye.


Ababibonye bose batangura kwidodomba bati: “Agiye kurara mu nzu y’umunyavyaha!”


Maze Abafarisayo n’abigisha b’ivyagezwe batangura kwidodomba bati: “Uwu mugabo yicarana n’abanyavyaha, agasangira na bo!”


Wa Mufarisayo yamutumira abibonye, atangura kwivugana mu mutima ati: “Iyaba uwu muntu yari uwuvugishwa n’Imana, yari kumenya uwuriko aramukorako, akamenya uwu mugore uwo ari we, ko ari umunyavyaha.”


Ba basoda bongera babamba ibisuma bibiri i ruhande ya Yesu, kimwe i buryo, ikindi i bubamfu bwiwe. [


Arabishura ati: “Aba umunyavyaha, ataba we, ivyo nta co ndabiziko. Ico nzi ni uko nahora ndi impumyi ariko ubu nkaba mbona.”


Ako kanya nyene haca humvikana nyamugigima iteye ubwoba isenyura ica cumi c’ibisagara, abantu ibihumbi indwi barapfa. Abarokotse bagira ubwoba bwinshi, bahimbaza Imana yo mw’ijuru.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite