Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 9:22 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

22 Abavyeyi biwe bishuye uko kuko batinya abakuru b’Abayuda. Abo bakuru bari bafashe ingingo ko umuntu wese azovuga ko Yesu ari Kristo azokwirukanwa mu rusengero.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

22 Abavyeyi biwe bāvugiye ivyo, kuko bātinya Abayuda, kukw Abayuda bāri bamaze kuja ingingo, ng’umuntu wese azokwatura Yesu kw ari Kristo acibge mw isinagogi.

Gade chapit la Kopi




Yohana 9:22
24 Referans Kwoze  

Bazobirukana mu masinagogi, kandi igihe kiraje aho abazobica bazokwibaza ko bariko bakorera Imana.


Ariko nta n’umwe yubahuka kuvuga ivyiwe ku mugaragaro kuko batinya Abayuda.


Muzoba muhiriwe abantu nibabanka, bakabakumira, bakabatuka, bakabavuga nabi nk’inkozi z’ibibi, babahora Umwana w’Umuntu.


Baramwishura bati: “Wewe wavukiye mu vyaha wongera ubikuriramwo, none uriko uratwigisha!” Nuko baca baramwirukana mu rusengero.


Ariko abahemuka, abatizera, abakora ibiterasoni, abicanyi, abasambanyi, abapfumu, abasenga ibigirwamana n’ababeshi bose, ikibanza cabo ni ikiyaga caka umuriro, ari rwo rupfu rwa kabiri.”


Nuko bemera impanuro ziwe, bahamagaza za ntumwa, barazikubitisha, bazitegeka kudasubira kwigisha muri iryo zina rya Yesu, baca barabarekura barataha.


Nta n’umwe yubahuka kwifatanya na bo, n’aho abantu babemera cane.


Nuko barabahamagara, babihanikiriza kudasubira kuvuga canke kwigisha muri iryo zina rya Yesu.


Ku mugoroba w’uwo musi, ari wo musi wa mbere w’indwi, abigishwa bari bakoraniye hamwe biyugaranye kuko batinya abakuru b’Abayuda. Maze Yesu araza ahagarara hagati yabo, arababwira ati: “Amahoro abane namwe!”


Inyuma y’ivyo, Yosefu w’i Arimataya asaba Pilato uruhusha rwo kumanura ikiziga ca Yesu. Uwo Yosefu yari umwigishwa wa Yesu, ariko mu kinyegero, kuko yatinya abakuru b’Abayuda. Pilato amwemereye, Yosefu araza ajana ikiziga ca Yesu.


Iyi ni yo ntahe Yohana yashinze igihe abakuru b’Abayuda b’i Yerusalemu bamutumako abaherezi n’Abalewi ngo bamubaze uwo ari we.


Abakuru b’Abayuda baranse kwemera ko yahora ari impumyi none akaba yakize, kugeza batumyeko abavyeyi biwe.


Ariko ntituzi uko vyagenze ngo ahumuke kandi ntituzi uwamukijije. Nimumwibarize arakuze, arashobora kwivugira.”


Yesu yumvise ko bamwirukanye mu rusengero, aja kumurondera, aramubwira ati: “Mbega urizera Umwana w’Umuntu?”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite