Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 9:17 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

17 Nuko basubira kubaza umwe yahoze ari impumyi bati: “None wewe wibaza iki kuri uwo muntu yagukijije ubuhumyi?” Wa muntu arabishura ati: “Ni uwuvugishwa n’Imana.”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

17 Basubira kubaza umwe yahora ar’ impumyi, bati Weho uvuga kw ar’ iki, kuko yaguhumūye amaso? Na we ati N’ūvugishwa n’Imana.

Gade chapit la Kopi




Yohana 9:17
9 Referans Kwoze  

Abantu babonye igitangaza Yesu akoze baravuga bati: “Ni ivy’ukuri uwu ni wa muvugishwa twari twiteze kw’isi.”


Wa mugore aramwishura ati: “Nyakwubahwa, ndabona ko uri uwuvugishwa n’Imana.


ingene Imana yarobanuje Yesu w’i Nazareti Mpwemu Yera n’ubushobozi, n’ukuntu yagendagenda hose agira neza, akiza n’abari mu gacinyizo ka wa mubi, kuko Imana yari kumwe na we.


Yemwe Bisirayeli, Yesu w’i Nazareti yari umuntu yashingiwe intahe n’Imana mu bitangaza, utwumiza n’ibimenyetso Imana yamukoresheje muri mwebwe, nk’uko ubwanyu mubizi.


Na we arababaza ati: “Ni ibiki vyabaye?” Baramwishura bati: “Ni ivya Yesu w’i Nazareti. Yari umuvugishwa n’Imana, yuzuye ubushobozi mu vyo yavuga no mu vyo yakora, imbere y’Imana n’imbere y’abantu.


Abandi bakishura bati: “Ni Yesu, umuvugishwa w’i Nazareti mu ntara ya Galilaya.”


Abafarisayo na bo babaza wa muntu ingene yahumutse, na we abishura ati: “Yansize utwondo ku maso, nca ndiyuhagira, none ndabona.”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite