10 Baramubaza bati: “None vyagenze gute ngo amaso yawe ahumuke?”
10 Nuko baramubaza, bati Mbega non’ amaso yawe yahumūtse ate?
Ariko bamwe muri mwebwe barabaza bati: “Mbega abapfuye bozozuka gute? Bazoba bafise umubiri umeze gute?”
Baramubaza bati: “None yakoze iki? Yaguhumuye gute?”
Ariko ntituzi uko vyagenze ngo ahumuke kandi ntituzi uwamukijije. Nimumwibarize arakuze, arashobora kwivugira.”
Abafarisayo na bo babaza wa muntu ingene yahumutse, na we abishura ati: “Yansize utwondo ku maso, nca ndiyuhagira, none ndabona.”
Nikodemu aramubaza ati: “None ivyo bishoboka bite?”
haba mw’ijoro canke ku murango, asinziriye canke ari maso, izo mbuto ziramera, zigakura, ariko we ntamenya uko bigenda.
Hanyuma y’ivyo, Yesu arajabuka aja ku ruhande rwo hakurya y’ikiyaga c’i Galilaya (ari co kiyaga c’i Tiberiya).
Bamwe baravuga bati: “Ni we.” Ariko abandi baravuga bati: “Oya, ni uwo basa.” Ariko wa muntu arababwira ati: “Ni jewe!”
Arabishura ati: “Umuntu bita Yesu ni we yavuruze utwondo atunsiga ku maso, hanyuma ambwira ati: ‘Genda wiyuhagire ku kidengeri c’i Silowamu.’ Naciye njayo ndiyuhagira, none ndabona.”