Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 8:6 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

6 Babajije Yesu ico kibazo kugira ngo bamutege umutego, maze baronke aho bahera mu kumwagiriza. Ariko Yesu arunama atangura kwandikisha urutoke hasi.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Arikw ivyo bābivuga ar’ ukumugeza, ngo bamukūrek’ urwitwazo rwo kumurega. Ariko Yesu arunama, yandikisha urutoke hasi.

Gade chapit la Kopi




Yohana 8:6
27 Referans Kwoze  

Umusi umwe, umwigisha w’ivyagezwe yavuye hasi kugira ngo atege Yesu umutego, aramubaza ati: “Mwigisha, nokora iki kugira ngo ndagwe ubugingo budashira?”


Bamwe mu Bafarisayo baza aho ari bashaka kumutega umutego, bamubaza bati: “Mbega biremewe ko umugabo yahukana n’umugore wiwe bivuye ku mvo iyo ari yo yose?”


Ntitugerageze Kristo nk’uko bamwe babigize bakamarwa n’inzoka.


Bamwe mu Bafarisayo baraza bagerageza kumutega umutego, baramubaza bati: “Mbega biremewe ko umugabo yahukana n’umugore wiwe?”


Abafarisayo bumvise ko Yesu yashitse, baraza batangura kumuhaririza. Mu ntumbero yo kumutega umutego, bamusaba ngo akore ikimenyetso kivuye mw’ijuru cerekana ko yatumwe n’Imana.


Ariko Yesu aguma ahoze. Maze umuherezi mukuru aca aramubwira ati: “Mw’izina ry’Imana nzima, tubwize ukuri: Uri Kristo, Umwana w’Imana?”


Umwe muri bo w’umwigisha w’ivyagezwe, agerageza kumutega umutego, amubaza ati:


Ariko kuko Yesu yari azi intumbero mbi bafise, ababwira ati: “Mwa ndyarya mwe, ni iki gituma muntega imitego?


Abafarisayo n’Abasadukayo baza aho Yesu ari bazanywe no kumugeza, bamusaba ngo abereke ikimenyetso kivuye mw’ijuru cerekana ububasha bwiwe.


Ariko Yesu ntiyamwishura n’ijambo na rimwe. Abigishwa biwe baraza baramwinginga bati: “Mwirukane kuko aguma avugiriza induru inyuma yacu.”


Ndabarungitse nk’intama mu bikoko vy’inkazi. None rero, mwiyubare nk’inzoka kandi mwitonde nk’inuma.


Kare mu gitondo c’umusi ukurikira asubira mu rusengero, maze abantu bakoranira aho ari, na we aricara arabigisha.


Abandi na bo bagerageza gutega imitego Yesu mu kumusaba ikimenyetso kivuye mw’ijuru.


Dukwiye kuritanga canke ntidukwiye kuritanga?” Ariko kuko Yesu yari azi uburyarya bwabo, arabishura ati: “Ni kuki muriko mugerageza kuntega umutego? Nzanira igiceri c’idenariyo ico ndaba.”


Bamwe mu bari aho bamuhanga amaso ngo barabe ko amukiza, kuko bashaka ico bafatirako kugira ngo bamwagirize ko yakoze ku musi w’Isabato kandi kizira.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite