Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 8:59 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

59 Bumvise ayo majambo baca batora amabuye ngo bayamutere, ariko Yesu aca arinyegeza, arasohoka ava mu rusengero.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

59 Baca batora amabuye yo kumutera, maze Yesu arihisha, ava mu rusengero.

Gade chapit la Kopi




Yohana 8:59
18 Referans Kwoze  

Abigishwa biwe baramubaza bati: “Mwigisha, haheze imisi mike cane Abayuda bashatse kugutera amabuye, none ushaka gusubirayo?”


Ariko avuga uko, baca bazibira amatwi yabo kugira ntibamwuve, bashira urwamo hejuru, baca bamuhundarirako icarimwe,


Pilato arababwira ati: “Nimumujane mwebwe nyene mumucire urubanza mukurikije amategeko yanyu.” Baramwishura bati: “Ntitwemerewe gucira umuntu urubanza rwo gupfa.”


Nimwizere umuco mukiwufise, kugira ngo mube abana b’umuco.” Ahejeje kuvuga ayo majambo, Yesu aca aragenda arabinyegeza.


Ivyo vyatumye Yesu adasubira kugendagenda ku mugaragaro mu Bayuda. Ahubwo yaciye aja mu karere ko hafi y’ubugaragwa, mu gisagara citwa Efurayimu, agumanayo n’abigishwa biwe.


Wa muntu yakize ntiyari azi uwamukijije awo ari we, kuko Yesu yaciye yigira, kandi aho hantu hari abantu benshi.


Amaso yabo aca aruguruka, baramumenya, ariko aca arakamangana, ntibasubira kumubona.


Abafarisayo baca baragenda baja kugira inama barondera ingene bokwica Yesu.


Yesu ariko ararengana, abona umuntu yavutse ari impumyi.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite