Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 8:58 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

58 Yesu arabishura ati: “Ndababwire ukuri, Aburahamu ataravuka, jewe nariho!”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

58 Yesu arababgira, ati N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Aburahamu ataravuka, jewe namye ndiho.

Gade chapit la Kopi




Yohana 8:58
24 Referans Kwoze  

We yabayeho vyose bitarabaho, kandi muri we ni ho vyose bifatanirizwa.


None Data numpe ca cubahiro nari mfise ndi kumwe nawe imbere y’uko isi ibaho.


“Ndi Alufa na Omega, Intango n’Iherezo,” ni ko Umwami Imana avuze, “uwuriho, uwamyeho kandi agira aze, Mushoboravyose.”


Yesu Kristo ntahinduka: uko yari ari ejo ni ko ari uno musi n’ibihe bidashira.


Data, ndashaka ko abo wampaye babana nanje aho ndi, kugira ngo babone ubwiza bwanje, bumwe wampa, kuko wankunze isi itararemwa.


Wandikire umumarayika w’ishengero ry’i Simuruna uti: Uwa mbere akaba n’uwa nyuma, uwapfuye akazuka, aravuga ati.


Ndababwire ukuri, umuntu wese yumvira amajambo yanje ntazokwigera apfa.”


riti: “Wandike mu gitabu ivyo ubona vyose maze ubirungikire amashengero indwi mu bisagara vya Efeso, Simuruna, Perugamo, Tuwatira, Sarudi, Filadelufiya, na Lawodikiya.”


Yesu arabishura ati: “Ndababwire ukuri, umuntu wese akora icaha ni umugurano waco.


Ni co gituma nababwiye ko muzopfira mu vyaha vyanyu; kuko nimutizera ko ndi uwo nababwiye ko ndi, muzopfira mu vyaha vyanyu.”


Nuko Yesu arababwira ati: “Nimwamara kumanika Umwana w’Umuntu ku musaraba ni ho muzomenya ko ndi uwo ndiko ndababwira, kandi ko ata co nkora nigeneye, ahubwo ko mvuga ivyo Data yanyigishije.


Yesu arabishura ati: “Narabibabwiye ariko ntimwanyizera. Ikibishingira intahe ni ibikorwa nkora mw’izina rya Data,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite