Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 8:51 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

51 Ndababwire ukuri, umuntu wese yumvira amajambo yanje ntazokwigera apfa.”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

51 N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Ni hagira uwitondera ijambo ryanje, ntazobona urupfu gushitsa ibihe bidashira.

Gade chapit la Kopi




Yohana 8:51
15 Referans Kwoze  

Ndababwire ukuri, umuntu wese yumva ijambo ryanje, akizera uwantumye, afise ubugingo budashira. Kandi uwo ntazotsindwa n’urubanza, ahubwo aramaze kuva mu rupfu aja mu bugingo.


Mwibuke ivyo nababwiye: ‘Umukozi ntaruta shebuja.’ Nimba barampamye, namwe bazobahama. Nimba barakurikije inyigisho zanje, bazokurikiza n’izanyu.


Ariko hano hari umukate uva mw’ijuru, kandi uwuwurya ntazopfa.


Kandi yari yarahishuriwe na Mpwemu Yera ko atazopfa atabonye Kristo w’Umwami Imana.


Ukwizera ni kwo kwatumye Enoki ajanwa mw’ijuru atabanje gupfa. Yarazimanganye abantu baramubura, kuko Imana yamujanye. Imbere yo kujanwa, yari azwi nk’umuntu ahimbara Imana.


Naho mutamuzi, jewe ndamuzi. Iyo mvuga ko ntamuzi, nari kuba mbaye umubeshi nkamwe, ariko ndamuzi kandi ndumvira ijambo ryiwe.


Nuko Yesu abandanya yigisha ba bantu, ababwira ati: “Jewe ndi umuco w’isi. Uwunkurikira ntazogendera mu mwijima, ahubwo azoronka umuco w’ubugingo.”


Ndababwire ukuri, bamwe mu bahagaze ngaha ntibazopfa batabonye Umwana w’Umuntu aje ari mu bwami bwiwe.”


Abayuda bumvise ayo majambo baramubwira bati: “Ubu rero turatahuye neza ko uboshwe n’umudayimoni! Yaba Aburahamu canke abavugishwa n’Imana barapfuye, none wewe uvuze ngo: ‘Umuntu wese yumvira amajambo yanje ntazokwigera apfa!’


Yesu aramwishura ati: “Uwunkunda azoshira mu ngiro inyigisho zanje. Data azomukunda, kandi twe na Data tuzoza tubane na we.


Narakumenyekanishije ku bo wampaye ubakuye mw’isi. Bari abawe urabampa, kandi bumviye ijambo ryawe.


Ico tubona ni iki: Yesu yagizwe uwuri musi y’abamarayika igihe gito, none ubu yambaye ubwiza n’icubahiro kuko yadupfiriye twese. Ni ku bw’ubuntu bw’Imana Yesu yapfiriye abantu bose.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite