Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 8:48 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

48 Abayuda baramwishura bati: “Ntitwihenze aho twavuga ko uri Umusamariya kandi ko uboshwe n’umudayimoni!”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

48 Abayuda baramwishura, bati None se ntitwavuze ukuri k’ur’ Umusamariya, kandi k’urimwo dayimoni?

Gade chapit la Kopi




Yohana 8:48
18 Referans Kwoze  

Abantu benshi baravuga bati: “Wewe uboshwe na dayimoni. Ni nde ashaka kukwica?”


Abayuda bumvise ayo majambo baramubwira bati: “Ubu rero turatahuye neza ko uboshwe n’umudayimoni! Yaba Aburahamu canke abavugishwa n’Imana barapfuye, none wewe uvuze ngo: ‘Umuntu wese yumvira amajambo yanje ntazokwigera apfa!’


Benshi muri bo bavuga bati: “Aboshwe n’umudayimoni kandi arasara. Ni kuki mumwumviriza?”


Wa Musamariyakazi aramubwira ati: “Wewe uri Umuyuda nanje ndi Umusamariyakazi. Bigenda gute ngo unsabe amazi yo kunywa?” (Mu bisanzwe, Abayuda n’Abasamariya baranenana.)


Mwa ndyarya mwe, Yesaya yavuze ukuri igihe yabavugishwako ati:


Ariko Abafarisayo bavyumvise baca bavuga bati: “Uwo nta kindi kimushoboza kwirukana abadayimoni atari Beyelizebuli, umukuru w’abadayimoni.”


Umwigishwa akwiye kugera ku rugezo rw’umwigisha wiwe, kandi umukozi akwiye kugera ku rugezo rwa shebuja. Nimba umukuru w’inzu bamwise Beyelizebuli, mbega abo mu nzu yiwe ntibazorushiriza kubita gutyo!


Abo cumi na babiri Yesu arabarungika, ababwiye ati: “Ntimuje mu Banyamahanga canke ngo mwinjire mu bisagara vy’i Samariya.


Uvuga ko ufise ukwizera kuko wizera ko hari Imana imwe. Ivyo ni vyiza! Ariko n’abadayimoni ivyo baravyizera, mbere bakanajugumira kubera gutinya.


Na Kristo ubwiwe ntiyabayeho arondera kwinezereza. Ahubwo, Ivyanditswe Vyera bivuga biti: “Ibitutsi abantu bagututse, vyose vyashikiye kuri jewe.”


Munyita ‘Umwigisha n’Umwami,’ kandi ivyo muvuga ni vyo, kuko ni ko biri.


Nuko rero muze tuje iyo ari inyuma y’aho ducumbitse, twikoreye ibimaramare vyiwe,


Ni co gituma ndababwira ko icaha ico ari co cose n’ugutuka Imana kwose abantu bashobora kubiharirwa, ariko gutuka Mpwemu Yera ntibazobiharirwa.


Kuko Yohana yaje atarya kandi atanywa, baca bavuga bati: ‘Arimwo dayimoni.’


Iyi ni yo ntahe Yohana yashinze igihe abakuru b’Abayuda b’i Yerusalemu bamutumako abaherezi n’Abalewi ngo bamubaze uwo ari we.


Ivyo vyatumye Abayuda bibaza bati: “None agiye kwiyahura? Ni kuki avuze ngo: ‘Aho ngiye kuja, ntimushobora gushikayo’?”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite