Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 8:39 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

39 Baramwishura bati: “Data ni Aburahamu.” Yesu arababwira ati: “Iyo muba muri abana ba Aburahamu, mwari gukora ivyo Aburahamu yakora.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

39 Baramwishura, bati Aburahamu ni we data. Yesu arabishura, at’ Iyo muba mur’ abana ba Aburahamu, muba mukora ibikorwa nk’ivya Aburahamu.

Gade chapit la Kopi




Yohana 8:39
13 Referans Kwoze  

Mutahure rero neza ko abana ba Aburahamu ari abo bizera Imana.


Kandi abakomoka kuri Aburahamu bose, ntibaca baba uruvyaro rwiwe nyakuri. Kuko Ivyanditswe Vyera bivuga ngo: “Uruvyaro nagusezeraniye uzoruronka biciye muri Isaka.”


Ndazi ko muri uruvyaro rwa Aburahamu. Ariko muriko murondera ingene mwonyica kuko ijambo ryanje ritagira ikibanza mu mitima yanyu.


kugira ngo mumere nk’abana ba Data wo mw’ijuru, kuko atuma izuba ryiwe ryakira ababi n’abeza akagwishiriza imvura abagororotse n’abatagororotse.


mureke kwibwira mu mitima yanyu muti: ‘Turi uruvyaro rwa Aburahamu’, kuko ndababwira ko no muri aya mabuye mubona, Imana ishobora gukuramwo abana ba Aburahamu.


Nimba muri aba Kristo, muri uruvyaro rwa Aburahamu, kandi muri abaragwa ku bw’isezerano Imana yahaye Aburahamu.


Nuko rero, isezerano ryatanzwe kubera ukwizera kugira ngo bigaragare ko ari ingabire Imana itanga ku buntu, kandi ko rigenewe abakomoka kuri Aburahamu bose, baba abubahiriza ivyagezwe canke abizera nk’uko yizera, kuko Aburahamu ari we sekuruza w’abizera bose.


Kandi mu buryo bw’impwemu, Aburahamu ni sekuruza w’abo bose bakebwe, ariko ni mu gihe bafise ukwizera nk’ukwo yari afise imbere y’uko akebwa.


Na bo baramwishura bati: “Twebwe turi uruvyaro rwa Aburahamu, ntitwigeze tuba abagurano b’umuntu n’umwe. Ni gute utubwira ngo tuzoronka ukwidegemvya!”


Ni kuki mudatahura inyigisho zanje? Ni kubera mudashobora no kwumviriza amajambo yanje.


Sokuruza wanyu Aburahamu yari yiteganye umunezero umusi wo kuza kwanje; yarawubonye kandi yaranezerewe.”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite